Mwirinde kuzimizwa n’ibisamaza z’inyererezi

UBUZIMIRE, UBUBESHI, UWIHENDA N’UKUGORWA.
Nk’uko tuizi, satani nta kigongwe agira. Yabonye yuko wahisemwo gukorera mu buzimire, aragukirimbirako akagukubagura gushika akugize imbata yiwe co kimwe n’uwariwe ameze nkawe.
Uwo satani yarifatiye abantu biyitirira ivyagezwe vy’Imana, arabasuka maze akabugarana mu gunge n’ubutindi bg’ibinyoma bituma:

  1. Biyitirira isezerano Uhoraho Imana atabahaye bakaba bagiye guhona bamaramare.
  2. Biha amenyo y’abatwenzi bakisuka ku butegezi bg’abaganza igihugu. Ni ukuruha kuvanze n’ubusazi butagira izina.
  3. Bahinduye izina ry’igihugu cabo bise ubukiriro kandi batarabironkera uruhusha, bimika impfunya ngo n’umwami akagenda arabundabunda, bikorera ikirangaminsi kitagira umutwe n’amaguru ngo n’abo bazanye bishasha kandi ari ugusimbuza ikinyoma ikindi.
  4. Baguma bahanahana inyandiko kandi babgirana ibitito aho kubona ukuri nk’uko kuri kugira ngo bakire ingwara yitwa ubuzimire.
  5. Satani yarabateye, arabinjirira maze arabaroha nabo bararohama. Abaha kwizera amasezerano atari ayabo baca baguma biremeshereza mu kinyoma kuko bibagiye yuko batihanye n’ivyo vyagezwe badasobora kuvyubahiriza canke ngo babone n’amasezerano.
    Umuntu wese ashaka kubona ikiganza c’Uhoraho Imana, ategerezwa kubaza kwatura ivyaha bimuboshe maze akavyihana vyose uko bingana. Utarihana ngo atunganye n’Imana, satani ntakaguhende ngo hari ico murindiriye. Umwami Yesu Kristo yamamare!