Irinde gukurikiza inyigisho z’uyu mwagushi zihamagarira abantu gucamwo / uwicisha inkota azosogotwa n’iyindi.

NTIHAGIRE UMUNTU MUZIMA AZIMIZWA N’INTUMVA YITWA MUHIMPUNDU LAMBERT AHAMAGARIRA ABARUNDI GUCANAMWO .

Bumvise twitwa Ihanga Ryera ry’Imana baca baratwikurikiza bibagoye baca biyita ngo Ihanga ry’abatewokarate, hanyuma ngo Ihanga ry’abanyavyagezwe none ubu naho biyita ngo Ihanga ry’abatuda bukuri. Ako kagwi gahagarariwe n’umuzamyi yitwa Muhimpundu Lambert yitaziriye Muyihimpundu Yosuwa. Uwo ariko arasuka ibintazi mu kaga yifata amajwi akayandagaza ku mbuga abahamagarira abantu guta imirimo yabo… Yemwe yemwe mwirinde abo bantu binyegeza mw’Ijambo ry’Imana kandi ari imihari n’imigambge ya politike. Irinde inyigisho z’urwako no gutungana intoke zikwiragizwa n’uwo muhemu ariko ararondera abo atembana. Ni aje ahabona areke kubundabunda yigisha ububisha.
Bumviriza Imburi n’ubuhanuzi abandi baburira abantu kwihana ivyaha vyabo kugira ngo bakire uburake bg’Imana, nabo bakiyimika, bakigisha ibinyoma kugira ngo bashikane benshi mu mahonero.
Yesu Kristo yatubariye yuko uwicisha inkota nawe azosogotwa n’iyindi. [Matayo 26:52] Ntihakagire uwizera n’umwe wo mw’IHANGA RYERA RY’IMANA yoshwa n’ico gikoresho ca satani. Inkota dufise twahawe n’Uhoraho Imana ni Ijambo ry’Imana [Abayefeso 6:17] kandi dufise ubushobozi mw’izina rya Yesu Kristo [Abifilipi 2:9-11]
Abo bangushi bikurikiza Ihanga Ryera ry’Imana bagiye kubonera ivyo Farawo n’abiwe baboneye mu kiyaga gitukura Ihanga ry’Imana rihejeje kwambuka. [Kuvayo 14:5-29]

Woamagarira abantu ngo bate imirimo ibabeshaho n’imiryango yabo kugirango baryane, bicwe n’inzara n’ubukene kandi basanzare kugira ngo uhakure iki?

Uhoraho Imana asaba abantu kwihana, kwezwa no kurindira ivyiza vyinshi yabateguriye mugabo bakaguma mu bikorwa vyabo, gukundana no kubaho barindiriye ukugira neza kw’Imana.

Umwami Yesu yamamare!