Impwemu yose itatura yuko Yesu Kristo muyisuzume (1 Yohana 4:3-4)

UKWUBAHA UHORAHO IMANA BIRATANDUKANYE NO GUTERA INKURU Z’IVYA BIBILIYA.

Hariho abantu aho kwama bariko bararondera ingene bogororokera Imana, bagakira kandi bagakiza abandi; bakimbukira amajambo y’imisamaza n’inkuru za kahise k’abantu.
Isi dutuyeko igeze mu bihe bibi cane. Abizeye ubutumwa bgiza bubohora ababoshwe n’ingoyi za satani, bugakiza abaremvye; bahisemwo kurya umunwa, kwiyoribeka no guhora bakinyegeza mugihe intumwa za satani zo zenyaguza, zigashira amanga kugira ngo zizimize benshi.
Ivugururwa, umuvyuro n’ikanguro ntibizokwiragizwa n’abantu babona ikibi kibera munsi y’ijuru bagahora. Ukuri gutegerezwa kuvugwa naho hariho abantu baca bahaguruka ku gutuka, ku guhama ngo bakugirire nabi.
Ibintu vyose ubonamwo igitsure, inguvu no kwama bariko baragiriza ibi aba na bariya nti biba biva k’Uhoraho Imana.
Inyigisho zose zitirirwa Imana, ntizitumbereze abantu ku musaraba wa Yesu Kristo ngo abantu bihane ivyaha vyabo, bahinduke bezwe maze babatizwe buzuzwe Mpwemu w’Imana ntiziba zituruka k’Uhoraho Imana. Aba ari amadini n’ivyiyumviro vy’abantu.
Aba-Kristo ntibakwiriye kuba ba ntirumveko canke ba birabasha. Mukwiriye kubabazwa n’abagiye kuranduka kubera bari mu nzira y’ubuzimire. Mukababazwa n’abataranenya ukuri co kimwe n’abizeye ikinyoma gituruka kuri satani.
Umurwanizi ariko arasasika inganda ku mugaragaro yinyegeje inyuma y’ibisamaza, inyuma y’amadini no mu butegetsi bg’iy’isi.
Abantu bamara iminsi, amayinga, amezi n’imyaka bandika, basoma, bavuga bakanasubiramwo vyabindi bidashobora kuzana umunyavyaha n’umwe ku kwihana, ku kwezwa no gukira urubanza rw’Imana rugiye kuza kw’isi.
Mu Kristo, uhagaze ku mburi n’ubuhanuzi; satani nawe arabibangukamwo. Uhagaze ku mirongo ya Bibiliya, satani nawe niyo yatanguye gukoresha mbere anayigerageresha Umwami Yesu Kristo. Uhahaze kuri kahise k’ivyanditse, kahise k’amadini na kahise k’abantu; izo nizo ndya ziwe kuko niwe yatumye isi yononekara, amadini aba uko ari, imiryango irasambuka maze abantu bata ubuntu.
Kugira ngo usambure inyigisho z’ubgibone kandi uneshe satani, uzana ikirwanisho abona agahunga. Ico naco ni ubushobozi bubonerwa mu maraso ya Yesu Kristo. Amaraso y’imbabazi yazanye ugucungurwa kw’abantu, umusaraba utuma abantu bihana ivyaha bagahinduka.
Muri Kristo Yesu hari ubushobozi butuma umuntu akizwa akarondera kwubaha Imana mu kugendera ivyagezwe vyayo
Izina rya Yesu Kristo rituma ingwara zose zihunga n’abadayimoni bagata bakomoka. Igihugu cacu n’isi yose bigiye gukira mw’IZINA RYA YESU KRISTO. [Abifilipi 2:9-11]