Satani n’abakozi biwe bafatanywe itonga ngo Yesu si KRISTO kandi ngo BIBILIYA ntibaho!!!

IBIZOKUMENYESHA INYIGISHO Z’IBINYOMA ZITERA MU BIZERA
INTANGAMARARA
Muri iyi minsi harakwiragiye inyigisho z’ibinyoma mu madini, amashengero n’imirwi itandukanye y’abantu ntawobideha. Turagomba kubamenyesha ingene inyigisho z’ibinyoma zinjira mu bantu, ingene zikorwa, ingene zishinga imizi, uko wozibona n’ingene wofasha uwakiriye izo nyigisho. Burya uwigishijwe ikinyoma ameze nk’uwariye uburozi imiti yose iramuhaga, akayorwa maze akiyamiriza impanuro zose ahagaze ku gakosa akariko kose kabaye muri kahise, naho koba karabaye ahandi.
Inyigisho z’ibinyoma zirabangamiye umugeni wa Kristo Yesu. Arajuragizwa, agatuzwa, akameneshwa akaza kwicuza yasheshe. Izo nyigisho ntizibangamiye ishengero rya Yesu Kristo ryonyene, zirabangamiye n’imico n’imigenzo runtu mu bantu no mugihugu. Aba-Kristo bategerezwa kumenya yuko izo nyigisho z’ibinyoma ari akaga gakomeye kubera yuko Bibiliya iguma isubiramwo kenshi ko twokwiyubara. Yesu Kristo yatubariye ati abigisha b’ibinyoma bazoza bisuka mu bandi bakigira abizera. Bazoza bagerageza kunyegeza intumbero zabo [Matayo 7:15-20]. Intumwa Petero nawe nyene yaguma atuburira, abgira amashengero ati abigisha b’ibinyoma bazova hagati muri mwebge babasukemwo ivyizerwa vy’umwambiro usambura kandi ugacira ubumara. [2Petero 2:1]. N’intumwa Pawulo ntiyabiciye iruhande, yagize ati mutagiye murasuzuma abantu n’inyigisho zabo, bizogira ingaruka mbi cane [ Abigalatiya 1:6-9, 2Abikorinto 11:1-21; 1Timoteyo 6:3-5] Abantu bose bategerezwa guhagurukira inyigisho z’ibinyoma ntibigire ba sindabibazwa. Umuntu wese agasuzumisha ijambory’Imana ibivugwa. Tuburira abantu bose kuko ntihobura uwukira muri abo banduye.
INGENE INYIGISHO Z’IKINYOMA ZINJIRA MU BIZERA.
Ni gake umwigisha w’ibinyoma azohagarara mw’Ishengero canke ku mbuga abantu bigishirizako ngo avuge ati “Yesu Kristo ntabaho” canke ngo “Imana ntibaho” canke ati Yesu Kristo si Imana” Ivyo ntimuzovyitege uko. Umwansi w’ubugingo bgacu ntaza yiyerekana. Atangura kuza abiba ugukekeranya, mu mitima, ahindukiza ukuri gatoya cane ku buryo bunyegeje kugira ngo ntace yiyamirizwa n’abantu. Muribuka ya nzoka ije guhenda Eva. Ikibazo ca mbere yamubajije ngo nivyo ukuri yuko Imana yababujije kurya kuri kiriya giti? Uwundi ati egome. Ya nzoka ica ibona kwongerako imwishura ngo Imana yarabahenze. Satani akoresha amayeri, agenda intambge ku yindi.
Mw’ihanga ryacu ry’Abarundi satani yarenyuje. Afisemwo intumwa zitinyegeza zubahuka kwigisha ngo ntimuzocishe ijambo Bibiliya mukanwa muzoyite IGITABO C’IVYAGEZWE ngo kuko iryo jambo ntiryanditswe muri nya gitabo. Iyo ni inyigisho y’ibinyoma, ni ubumara n’ishano rigamije gusambura urufatiro rw’abizera bose ariryo jambo ry’Imana. Bibiliya si igitabu c’ivyagezwe. Bibiliya ni igitabo kigizwe n’ibindi bitabo 66 harimwo amakete yanditswe n’abanditsi barenga 40 mu mwanya ungana n’imyaka 1500. Mu ntango, Bibiliya yari yanditswe mu ndimi 3 gusa: Igiheburayo, ikigiriki n’iki Aramayike. Isezerano rya kera ryari ryanditswe ahanini mu giheburayo, n’ivyijana bike vyari vyanditse muki Aramayike. Isezerano rishasha naryo ryari ryanditse mu k’ikigiriki.
Uretse yuko Bibiliya igizwe n’Isezerano rya kera rigizwe n’ibitabo 39 hamwe n’Isezerano rishasha rigizwe n’ibitabo 27, Bibiliya irafise ibice (1) bigize ibitabo 5 vya Mose, (2) ibitabo vya kahise, (3) ibitabo vy’imvugo ndyoheramatwi n’ubwenge, (4) ibitabo vy’ubuhanuzi, (5) bitabo vy’ubutumwa bgiza (6) n’ivyete.
Mu ntango, Ivyanditswe vyera vyari vyanditse ku mizingo gushika aho ubuhinga butereye imbere bikandikwa mu bitabo. Ijambo Bibiliya riva mu kigiriki mw’ijambo “Biblos”twita mu Kirundi igitabo, livre mu gifaransa na book mu congereza. Ico gitabo cabikwa mw’isinagogi canke urusengero gusa, nta washobora kugitahana i muhira.
Isezerano rya Kera rigizwe n’ibice bine bikuru bukuru. (1) Ibitabo bitanu vy’Ivyagezwe, (2) ibitabo 12 vy’inkuru za kahise, (3) ibitabo 5 vy’imvugo ndyoheramatwi bita POEMES, (4) hamwe n’ibitabo 17 vy’ubuhanuzi.
Isezerano rishasha naryo nyene rigizwe n’ibice bikuru bikuru bine. (1)Ibitabo 4 vy’ubutumwa bgiza, (2) Igirabo kimwe c’ivyakozwe n’intuma canke ibikorwa vy’intumwa, (3) ibitabu 21 vy’ivyete, (4) N’igitabo kimwe gihishura Yesu Kristo nkuko Yohana yavyanditse. Izo nyigisho zivuga yuko Bibiliya Yera ari igitabo c’ivyagezwe ni ubuhumbuzi, ububeshi, ubuzimire n’ubusambanyi bgo mu mpwemu bg’ishano.
Mbere Bibiliya ntanuwoyita ikoranirizo ry’ibitabo vyinshi canke iterateranywa ry’ibitabo vyinshi; yose hamwe ni ijambo ryahumetswe n’Imana [2Timoteyo 3:16] Isomwa kandi itahurwa kuba ari Uhoraho Imana aduhishurira kandi atubgiriza nk’ingingo z’umubiri wa Kristo Yesu kandi ishengero ryiwe canke ihanga rimwe ry’Imana.
Irindi shano ry’ubuyobe abo bigisha b’ibinyoma bazanye bakagerageza guteragira mu bantu, bavuga ngo YESU ntibamwite KRISTO ngo kuko iryo jambo niryo umupfumu wi Roma. Ngo YESU bamwite UMUCUNGUZI canke EMMANUWELI gusa. Ubgo ntawobgita ubuzimire gusa kuko ni amayeli ya satani yo gushaka kwambura abizera Imana aho bari kw’isi hose, abakiriho n’abamaze gutaha, bose abambure izina ry’icubahiho kugira ngo basigare badafise ubushobozi, ubudahangarwa n’icubahiro. Abera bitwa ABA-KRISTO. Erega satani n’ibikoresho vyiwe nta n’udusoni bagira, barubahuka, bakenyaguza kuko babona aba-Kristo b’iki gihe benshi babaye ba nturumveko abandi basamariye mu rudandazwa rw’ibigiracumi n’amashikanwa, ivyubahiro n’ibindi bisamaza. Izina KRISTO rivuye mu rurimi rw’ikigiriki bankika CHRISTOS, risigura UWASIZWE AMAVUTA canke UWATORANIJWE N’IMANA. Iryo zina nyene mu Giheburayo risigura MESIYA. Petero yararihishuriwe ati “URI KRISTO” [Matayo16:16], n’abadayimoni barirutse barata barahunga baryumvise bagira bati “URI KRISTO UMWANA W’IMANA” [Luka 4:41], Yesu we nyene yarishuye abaherezi bakuru bamubajije bati tubarire usanga ari wewe KRISTO UMWANA W’IMANA” [Matayo26:63]. Ibuke wa mugore kuri rya riba rya Yakobo. Yesu yaremeje yuko ari KRISTO [Yohana 4:25-26]. Muri Bibiliya Yera (King James Version) yahinduwe ikuwe mu giheburayo, Ijambo KRISTO ryanditswe incuro 973. Mu bisanzwe, KRISTO si izina rigira kabiri rya YESU, ahubgo ni izina risigura icubahiro ciwe, igikorwa ciwe. Kugira ngo bitahurike gusumba, tuvuge tuti ni izina risigura UBUMESIYA bga Yesu Kristo.
Ikindi kintu twotegerezwa kwama tuzirikana n’uko inyigisho z’ibinyoma zitama zizanwa mu bantu batabiteguye kugira ngo bazimize abandi, babasuke mu guhakana ukwizera kwabo. Ivyo birabaho mugabo siko vyama bimeze. Isezerano rishasha riratwereka abigira abizera abasobokera mu mashengero kugira ngo baperereze baronke ingene bambura abantu ubuntu, amahoro n’umunezero bibonerwa muri Kristo Yesu. [Abigalatiya 2:4] Turahabona kandi abo badatinya Imana bisuka mu bizera kugira ngo bahindure ubuntu bg’Imana inzira yo gucumura kandi badukure ku Mwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo [Yuda 4] Ntidutegerezwa kuba impumyi ngo twirengagize ibitero nk’ivyo.
Umubivyi mubi amaze kuzana urwamfu mu buro, arikwo gutera kugia amakenga kuri Bibiliya, ijambo ryimana rikaba n’ishimikiro ry’abizera, aca azana amakenga no ku Mana yahumetse iryo jambo. Ni uko avuga yuko YESU atari KRISTO. Ukwo ni ukurogota k’Uhoraro Imana. Kwambura umwana w’Imana icubahiro ciwe c’UBUMESIYA. Umaze kwemera ivyo, baca basigara baragutamika ivyo bashatse vyose. Dutegerezwa kumenya inzira n’amayeri izo nyigisho z’ibinyoma zicamwo n’ingene babikoresha nko kurondera inyigisho nshasha, inyigisho zikwega abantu, guhagarara ku makosa y’abandi, kutagondwa ngo bahanurwe no kwizizira abantu ku gikenye, igitsure, ibitutsi n’ibindi bikorwa bibi. Turabandanya.