
KURONDERA INYIGISHO NSHASHA
Twarabonye ibintu bikurubikuru satani akunda guhagararako kugira ngo azimize abizera kandi twasanze ko no mu gihugu cacu yamaze kubizana. Ivyo navyo bikaba ari ukuvuga yuko YESU atari KRISTO kandi yuko BIBILIYA itabaho ahubgo habaho IGITABO C’IVYAGEZWE. Ubu naho reka turabe ingene ivyo binyoma vyisuka mu bantu.
Imwe mu nzira inyigisho z’ikinyoma zifata mu kuza mu mashengero no mu mirwi y’abantu, ni igihe umuntu agerageza kurondera no kuzana inyigisho nshasha mw’ishengero kugira ngo anezereze abantu canke abereke yuko ari agahambaye. Akarorero agira ati dutahure Bibiliya kundi gushasha kuko uko isanzwe izwi ntaco vyamariye abantu. Kenshi abo bigisha b’ibinyoma bagerageza kuryanisha isezerano rya kera n’isezerano rishasha ntibayafate nk’ijambo ry’Imana rimwe ryuzurizanya. Bahagarara ku murongo, iryungane canke ijambo rya Bibiliya bakariha insiguro n’intumbero nshansha bishakiye.
Mu gihugu cacu hadutse abantu bagomba kuvuguruza ibintu vyinshi bisanzwe bizwi, mbere bakigisha abantu gusohoka mu madini n’amashengero kugira ngo babakurikire. Basubiye ku nyigisho ngengavyiyumviro z’abayuda, bakagira bati kwubaha IVYAGEZWE niyo nzira yo gukira urubanza rw’urupfu ruterwa n’icaha. Ababishoboye baca bagirako bakica umuntu wese arenze icagezwe icarici cose kuko bamwita igihumanye. Abantu batanguye guharira kuvyerekeye kwubahiriza IVYAGEZWE no kwizera igikorwa c’UMUCUNGUZI YESU KRISTO baca bamera nk’abariko baroga mu nyanja canke ikiyaga kitagira aho gitangurira n’aho giherera.
Satani arazi gusuka urusamaza n’urusinziriza mu bantu banyotewe ijambo ry’ukuri ry’Imana. Ukuri n’uko uwanditse kandi yazanye ivyagezwe akabishikiriza abantu ngo bibabere amabgirizwa bisunga, niwe yahavuye asiga icubahiro ciwe mw’ijuru aza gucungura abantu kuko bose bakoze ivyaha ntibashobora gushikira ubgiza bg’Imana. [Abaroma 3:23-26] Ivyagezwe ni vyiza kandi ni ngirakamaro kuko bituma umuntu wese n’uwutizera Imana amenya ico Imana ikunda n’ico yokwirinda kugira ngo abane neza n’abantu.
Muri rusangi,
- Ivyagezwe vyerekana icubahiro c’Imana [Abalewi 11:45],
- Ivyagezwe vyerekana intege nke zacu [Abaroma 3:20,]
- Ivyagezwe vyerekana ubuntu bg’Imana [Gusubira muvyagezwe 6:5, Ezechieli 36:26],
- Ivyagezwe birerekana abantu b’Imana [Guharura 10:21].
Burya rero ivyagezwe ryari isezerano rya kera hagati y’Imana n’abantu kuko yari ingabire. Ariko rero kuko icagezwe kigizwe n’inyuguti zereka umuntu ico abujijwe gukora zikongera zikamucira urubanza rudasanzwe, arirwo rubanza rwo gupfa; - Icagezwe kizana urupfu [Abaroma 7:10-11],
- icagezwe kizana gutsindwa n’urubanza [Abaroma 4:15]
- Icagezwe kizana umuvumo [Abigalatiya 3:10-15].
- Icagezwe nti gishobora kukugirira imbabazi no ku kweza ariko umuntu atunganywa n’ubuntu bubonerwa muri Kristo Yesu [Abarona 3:21-22 na 24]
Nico gituma Bibiliya igizwe n’isezerano rya kera hakaba hariho n’isezerano rishasha rihagaze ku gucungurwa kw’uwizera wese. Kandi umuntu wese yategerezwa gusoma agatahura iryo sezerano rishasha Uhoraho Imana yavuze kugira ngo ntajuragizwe n’inyigisho za ba nciyaha. [ Yeremiya 31:31-34]. Ubonye canke wumvise ivyagezwe vy’Imana uri muri Kristo Yesu, utegerezwa kwumva amahoro n’umunezero, umwidegemvyo amahirwe kuko ivyagezwe sivyo biba bikuganza, ni wewe uba ubiganza. Si wewe ubivuga, nivyo bikwamamaza kuko uba uri uwidegemvya kuko ukunda Imana ukubaha n’amabgirizwa yayo ugakunda n’abandi. [Zaburi 19:8, Yakobo 2:12]
Kwubaha ivyagezwe biratandukanye n’ukwizera Yesu Kristo. Ukwitondera ivyagezwe mu nkomezi zawe bituma wama mu mubiri wiyubara kandi unigana na wewe nyene. Ivyo navyo bivyara ubgiyorobetsi n’ukwishimira inkomezi zawe. Ariko ukwizera Yesu Kristo bizana guhinduka ukaba icaremwe gisha. [2 Abikorinto 5:17]; Guhinduka navyo bizana gugenda witondera ivyagezwe utarinze kunigana n’umubiri wawe n’ukwizera Yesu Kristo bizana ubugingo budashira [Yahana 3:16]. Yesu Kristo arakiza icaha, agasomora uruboyi rw’urupfu. Kristo Yesu arabohora ababosheshe bakidegemvya, Yesu Kristo arakiza indwara z’umutima n’izo umubiri: Sida, Canseri, Corona, Ebola, umurindi w’amaraso, umutima, amafyigo, intandara, uburozi, ibitega, amahembe, umutwe n’impwemu zihumanye zose n’ibindi vyose kuko ntakimunanira. [Kuvayo 23:25, Matayo 9:35, Yeremiya 17:14]
Uwamamaza ivyagezwe mu gishingo co kwamamaza KRISTO YESU aba ashize hejuru ikimbano agata iruhande uwakibumvye. Ubgo ni ubujuju n’ubuzimire bubi. Muri iki gihe biragoye kwibaza yuko hari ikintu gishasha abantu bozana bakuye muri Bibiliya kuko haciye ibinajana ibihumbi n’ibihumbi abahinga n’abungere benshi b’amashengero bayiga neza ku buryo bgimbitse. Mpwemu Yera arashobora ku guhishurira amabanga mashasha mugabo ntashobora kuzana ibivuguruza ijambo na rimwe ryahumetswe n’Imana ryanditswe muri Bibiliya. Ico nico gipimo c’ukuri. Ni ukwitondera ijambo ryose riri muri Bibiliya kuko uwukuyeko canke akongeramwo ijambo na rimwe aba yiciriye urubanza rwo kuranduka. [Ivyahishuriwe Yohana 22:18-19]
KUDOBOZA KW’IKOSA RYABAYE MURI KAHISE NO KUBA INTAGONDWA.
Iyindi nzira abigisha b’ibinyoma bacamwo kugira ngo bahungabanye ishengero n’abizera muri rusangi, ni igihe bagomba kwigira abapfuhira ukuri kw’ijambo ry’Imana canke bakigira abayirwanira. Uwufashwe n’iyo mpwemu, arakavya kandi agahinduka intagondwa. Ntihakagire umuntu akinisha ijambo ry’Imana na cane cane ivyerekeye ukwemera kw’abantu kuko benshi barononekaye barica kandi baricwa kubera inyigisho. Mwene abo uzobamenyera ku majambo n’ibikorwa vy’urugomo bakora. Bakoresha igitsure, ugutukana, ubushangashirwe, inguvu n’iterabgoba kandi no kwica ntibabigera umutwe.
Mwari muzi yuko iyo mirwi y’intagodwa yose yirirwa irasasika inganda hirya no hino kw’isi ivuga yuko irwanira intwaro y’Imana bita TEWOKARASI! Basigura yuko ari ukugirango idini ryabo ntirivangirwe n’inyigisho zitarizo! Winjiye mu vyizerwa vya Etat Islamique, El Shabab, Boko Haram usanga ariyo ntumbero yabo. Si mu ba islamu gusa no muba poroti barimwo. - Mwokwibuka yuko mu mwaka wa 1986 gushika mu 1997, umukenyezi ALICE AUMA bahavuye batazira LAKWENA risigura INTUMWA mu kinyankole wo mu gihugu ca UGANDA yashizeho ico yise “ingabo zitembera za Mpwemu Yera” mu majarunguru y’igihugu. Yarwanya ico yise abahumaye n’abapfumu bo mu gihugu. Yabgira abayoboke biwe kurwanisha amabuye no kuvuma amate amasasu y’abasirikare ba Lata. Yarafashe ibisagara vyishi vup muri ico gihugu kandi yaratinyitse cane. Aho yarwaniye wasanga hari iminana mini mini cane yaguye ku bantu no kubasirikire ba Leta ikabica kuburyo vyatera abantu ubgoba. Uyo mukenyezi yitwa Alice Auma Lakwena yaguye mu gihugu ca Kenya mw’ikambi y’impunzi yishwe n’umugera wa SIDA kuwa 17-01-2007 yari yarakoze ibara abantu benshi barishwe harimwo n’abasirikare b’igihugu. Yagomba gushiraho intwaro ya TEWOKARASI ihagaze ku VYAGEZWE ICUMI.
- Aho nyene muri ico gihugu hari n’uwundi mugabo yavutse mu mwaka wa 1961 yashizeho ico yise “ingabo z’Uhoraho zo kurwanya umwansi” kugira ngo asukure ihanga ryabo ry’abanyankole kandi ngo ashinge intwaro ya TEWOKARSI ihagaze ku VYAGEZWE ICUMI vy’Uhoraho mu gihugu ca Uganda. Uwo YOSEFU RAO KONY avuga yuko ari umuvugizi w’Uhoraho Imana, akaba afise impwemu yo kwerekwa kandi akama abonekerwa. Yigisha yuko umugabo yorongora abagore benshi kandi nawe afise abagore barenga 60. Mu ngabo ziwe asigaranye bake benshi barishwe abandi barabiheba. Uyu munsi aracariho hagati ya Congo, Sudani Yepfo na Centrafrique mugabo yaturuye asasitse inganda. Yarashizwe ku rutonde rw’abaronderwa n’amaleta y’isi yose aronderwa nk’urushinge kubera ivyaha vyinshi vyo mu ntambara.
Akari mu mpene niko kari no mu ntama. No mu gihugu cacu c’uBurundi twarabonye abantu bavuga yuko babonekerwa. Bamwe bakoze imihari urwana kandi bakicana cane. Barica umuntu wese biketse yuko yakoze icaha hagati muribo uretse abasirikare ba Leta n’abandi banyagishugu batabashigikiye. Hari n’abandi benshi bigeze kurenga akarimbi mu vyizerwa mu gihugu cacu bakiyita Imana, mugabo ubu baraturuye. Ico gihe batanga akarorero yuko icupa ry’ikinyobga rigaragara baryita ikidagi mugabo ririmwo ico kinyobga baryitirira ico kinyobga. Bati rero ko Uhoraho Imana yabonetse muri NDEREYA cake SIMONI aca aba Imana. Bari bibagiye yuko indogoba ireruye umukuru w’igihugu, nya ndogoba idaca icika umukuru w’igihugu.
Uyu munsi hariho inyigisho zikwiragizwa n’abandi bashasha zerekana yuko ikinyoma ataho caroye kandi umwaya wose gishobora kwiha inkumbi. Hari abivuga yuko bimitswe n’Imana. Ngo basizwe amavuta kugira ngo bashikane ubutumwa kw’isi yose. - Muribuka abantu baguye i BUSINDE mu ntara ya KAYANZA ni KAMANYOLA mu gihugu ca Kongo. Uravye ivyabaye no kujuragirika kw’abayoboke b’umukenyezi ZEBIYA NGENDAKUMA bavuga yuko abonekerwa, uca ubona ingene ubuzimire buteye agahinda kuko buricisha abantu, benshi bakayerera, bakarushwa hanyuma impera n’imperuka bakicuza igituma bakurikiye ubgije kubera bafashe inzira zidashika. Uwo mu kenyezi ubu ari mu gihugu ca Australiya mu muryango wiwe aratuje, abamukurikiye nabo n’ubu nta mahoro bararonka bose.
- Hari uwundi avuga ngo yatoranirijwe kurongora igihugu c’Uburundi. Mbere wewe yarahinduye izina ry’igihugu acita UBUKIRIRO, yikoreye ibendera, ariyimika maze atangura gutanga amategeko yo ku mbuga ngurukanamajambo. Nk’abandi bose nawe nyene avuga yuko aje gushiraho inganji ya TEWOKARASI ihagarara ku VYAGEZWE ICUMI. Uwo nawe n’abayoboke biwe bafise imvugo y’uburakari, ukutubaha, ugutukana no kutagira ukuri bahagararako. Uwo LAMBERI MUHIMPUNDU yitazira Dawidi, uravye ingene avuga nivyo avuga kuva mu mwaka wi 2016, uca ubona ico inzandiko n’amajwi yiwe akwiragiza bigamije. Ari mu buzimire butagira izina. Mu bamukurikiye benshi barapfungiwe mw’ibohero rikuru ryo mu Rutana abandi mubo bafadikanya imirimo barafashwe barapfungirwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba mu gihe wewe yari yihungiye akabata. Uyo mugabo Lamberi Muhimpundu, ubu ari ngaho agenda arabundabunda mu gihugu abesha abantu ngo ari mu ruhamo.
Ijambo TEWOKARASI rirakwegera cane abantu benshi mu buzimire kuko bibaza yuko ari ugushiraho intwari y’Imana mugihe ubgaryo ryatanguye gukoreshwa n’abapagani bashaka kuvuga ubutegetsi bushingiye ku mana zabo. Bibiliya iratwereka ku ncuro nyinshi ico bita intwaro y’Uhoraho Imana mu bantu bayo. Ihanga rya ISIRAYELI ryatubereye akarorero ku bagendanye n’Imana barongorwa nayo ijoro n’umurango [Kuvayo 24:13-; 33: 10-11; Guharura 11:28, Guharura 12:8…] Abarongoye Ihanga ry’Imana bama baja mw’ihema ry’ibonaniro GUSIGUZA Imana. Gusiguza Imana ntawovyita TEWOKARASI kandi ntaho bihuriye.
Mu kuzimira bose ico bahurirako ni uguhindukiza ico umurongo wo muri Bibiliya uvuga bakawihererezako kugira ngo bigire abatoranijwe. Akarorero biyumvira yuko aribo Abayuda bo mu b’Isirayeli bukuri muri Afrika, ubabajije uti mwajabutse inyanja itukura mugiye hehe? [Kuvayo 14:21] Mwaherewe ivyagezwe icumi ku musozi sinayi muvuye hehe? [Kuvayo 20] Mwanyoye amazi avuye mu rutare mu bugaragwa i Horebu mugiye hehe? [Kuvayo 17:6] Mose yamanitse inzoka y’umuringa ku giti mu bugararwa mu vuye hehe? [Guharura 21:3-7] Mwajabutse uruzi Yorodani mugiye hehe? [Yosuwa 3] Baca barya iminwa kuko ivyo bibanza vyose Bibiliya idondagura biracariho na bugingo n’uyu munsi. Kugerageza guhindura ukuri kwa Bibiliya ni ikirwanisho satani yamye akoresha kuva kera cane kuko yabonye yuko ariyo nzira yozimirizamwo abantu bimworoheye.
Mu bisanzwe aba-Kristo barazi neza yuko Uhoraho Imana yitoraniriza abantu mu mabanga yo kurongora igihugu, amabanga yo kurongora ishengero, amabanga yo kuba abavugabutumwa, abavugishwa n’ayandi mabango. Ariko kandi hariho n’abandi binyegeza mw’ijambo “imana” kugira ngo bihagire amabaga batahawe kandi abo baheza nabi. Hariho ibanga ry’ibango n’ibango ry’ibanga. Ivyo ababizi mu gukorera Imana ntibatera urwamo n’urwimo ngo babe imburabgenge. Usanga ikintu cose bakivuga kandi bakagikora mu gihe caco, ivyo bigatuma abantu benshi bihana bagahinduka maze ico kikaba igishingantahe yuko bakorera Uhoraho Imana. [Ivyakozwe n’Intumwa 22:15, 1Yohana 5:9] Muvyo ukuri, ukuri kwose kwa Bibiliya kwaramaze kuja ahabona, kwaratahuwe. Inyigisho zose zigishwa n’abemera KRISTO YESU zirazwi, abazihindukiza bagakora ivyo bashaka barazwi ntaho umuntu yoba agica ngo abeshere abantu mu kuvuga ngo kuba uwa-Kristo ni ubuzimire.
Igihe cose wumvise ijambo Tewokarasi risomekeranijwe n’ivyagezwe maze ayo majambo agaherekezwa n’ukwishira hejuru, ugushira isoni, ukwenyaguza, amajambo mabi yuzuye ubgansi, ishari n’inzigo, amajambo yo gucokorana; uzomenye yuko satani yafashe icicaro muri abo bantu kandi yuko bazimiye. Duhamagarira abantu bose kwitandukanya n’izo nyigisho z’ibinyoma. Bakurikire KRISTO YESU nawe azobaruhura. Azobeza ivyaha vyose basange bubahiriza ivyagezwe vyose Uhoraho Imana yahaye Ihanga ryiwe, vyanditswe muri BIBILIYA YERA. Umwami YESU KRISTO yamamare, Amen!