




UMUBATIZO W’IHANGA RYERA RY’IMANA MU NTARA ZA GITEGA NA MWARO.
Ikintu ntarengwa kizokwereka yuko ukorera Uhoraho Imana s’uko uzi kwigisha no kuvuga amajambo menshi kandi meza y’ivy’Imana, s’uko kandi uvugishwa ibinyegejwe canke ivyo wavugishijwe bigasohozwa.
Ibanga ry’Ibango ryo gukorera Uhoraho Imana n’uko umutima wawe wuzuye urukundo ukunda Imana n’abantu ukora ibikorwa bishikana benshi ku kwizera, bakihana , bakabatizwa, bakuzuzwa Mpwemu Yera kugira maze bakaramiriza. Mw’ijuru abamarayika bavuza impundu iyo umunyavyaha umwe yihanye. [Luka 15:10]
Hari akantu aba mubona twabatije uyu munsi mu Ntara ya Gitega! Hari akantu bamwe barenga ijana Abera babatije mu GATABO mu Ntara ya muramvya ku ndwi iheze!
Twongeye gutera abantu bose bataritegurira ibihe bihambaye twimirije kubikora Ubu nyenye bakihana bakezwa kugira ngo Umwami Yesu Kristo azosange twiteguye. Kristo Yesu Yamamare, amen!