Umubatizo uteye igomwe wa beneData kuri uyu munsi

UMUNEZERO N’AMASHIMWE K’UHORAHO IMANA YACU KUBGA BENEDATA BABATIJWE UYU MUNSI.

Mw’Ishengero rya Yesu Kristo Ihanga Ryera ry’Imana tuva mu bgiza bg’Imana tuja mu bundi. Kuva mu mwaka wa 2014 Uhoraho Imana adutumye gushira ahabona umugambi wayo w’isezerano ku gihugu no kw’ishengero habonetse ibitangaza vyinshi Yehova yagiye arikorera.
Naho bamwe bafise intambara mu mitima yabo zituma badashibora gutumbera Yesu Kristo wenyene vyabataye kuwamazi bagata bagahunga bagenda baravuga ayamuhe bagasambagirika muri ibi na biriya; Uhoraho Imana wewe yagumye yikwegerako abiwe ku munsi ku munsi.
Ihanga Ryera ry’Imana ryagumye ryaguka kandi rigasara mu gihugu cacu no kw’isi yose.
Igitigiri c’abizera cariyongereye cane ku buryo tubaharura mu ma miliyoni kandi ku kwezi ku kwezi tubatiza abantu baharurwa muri za mirongo no mu majana. Muri ivyo bikorwa vyose, Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo ahabge icubahiro.
Turashimiye n’abakozi b’Imana dukorana imirimo bari mu ntara zose z’igihugu cacu n’abari hirya no hino mu mahanga.
Kuri uyu munsi dufise umunezero ntangere wo kwakira beneData bashasha twabatije iri genekerezo. Mwese kaze murisanze mu muryango w’Abera. Muntu utarizera Yesu Kristo kuba Umwami n’Umukiza w’ubugingo bgawe, nawe utarabatizwa umubatizo w’ukuri, rondera abarongozi bo mw’Ihanga Ryera ry’Imana ubatizwe bicitwa ubu. « Uwizera akabatizwa azokizwa, ariko utizera azotsindwa n’urubanza » [Mariko 16:16]
Mwirinde inyigisho z’amadini n’imirwi z’ibisamaza. Babatesha umwanya bishimikije imirongo yo muri Bibiliya, bakabigisha ibintu batabafitiye akamaro mugihe iherezo ry’ibihe riguma ryegereza. Ni mwihane, mwezwe, mubatizwe kandi mwuzuzwe Mpwemu w’Imana mugifise umwanya.
Umwami Yesu Kristo Yamamare!