Imiryango 130 yo mu ntara ya Karusi muri Buhinyuza niyo yafashijwe n’Ishengero rya Yesu Kristo Ihanga Ryera ry’Imana

TWAME DUSHIRA MU NGIRO IJAMBO RY’IMANA KUKO UKWIZERA KUTAGIRA IBIKORWA KUBA GUPFUYE.

Kuri iri genekerezo rya 06/12/2021 mu ntara ya KARUSI Commune BUHIGA Zone BUHINYUZA, Ishengero rya Yesu Kristo Ihanga Ryera ry’Imana ryagiriye umunsi mukuru mugufasha imiryango ya bantahonikora 130. Nk’uko vyari bitunganijwe, hatanguye isengesho ryakozwe n’umurongozi w’Ishengero aho I Buhinyunza hanyuma hakurikira igikorwa co gutanga iyo mfashanyo. Iyo miryango yaronkejwe ibifungurwa yatahanye umunezero mwinshi mu ngo zabo. Abajejwe intwaro nabo nyene bashimye cane kuri ico gikorwa cakorekeye aho mu kigo c’urusengero.
Ihanga Ryera ry’Imana rirashimira cane Nibaruta Japhet n’umutambukanyi wiwe bitanze batiziganya kugira ngo ico gikorwa kiranguke.
Turashimiye kandi abantu bose bariko baregeranya infashanyo, impuzu, imfungurwa, amafaranga n’ibindi vyose kugira ngo bafashe kandi bagirire iminsi mikuru ba ntahonikora, abarwaye, abapfunzwe, impfuvyi, abapfakazi n’abageze muzabukuru. Yesu Kristo ubgo agiye kugaruka azotubaza yuko ivyo twabikokoze [Matayo 25:31-40]
Ufise iryo shikanwa ukaba ushaka yuko rishikira abo rigenewe, rondera umwe mu barongozi canke utwandikire kuri ihangarimana@gmail.com canke kuri http://www.Abisezerano.com canke ku yindi mihora.
Umwami Yesu yamamare!