Ingene wo kwigobotora mu vyaha vya satani ukaba uwidegemvya.

INZIRA Y’UKWIGOBOTORA IVYARA VYA SATANI
Abantu benshi barazinzwe kandi barakubagurwa n’impwemu zitandukanye zikababuza amahoro bakabura inzira yo kubohoka. Hariho bamwe baja mu vyumba vy’amasengesho canke mu bakozi b’Imana ngo babasengere kugira ngo baruhuke, hamwe hamwe birabakundira mugabo ahandi bikanka kuko hariho abagukuramwo impwemu ihumanye bakaguteragiragiramwo nyishi mbi kurusha. Abandi barabona yuko bageramiwe bakagerageza kuvyikuramwo bakoresheje inguvu zabo mugabo bikabata kuwamazi.
Ivyipfuzo n’imigenzo mibi satani akunda kubohesha abantu bakaba imbata y’icaha n’uguhumana ni vyinshi mugabo ibikuru bikuru ni ibi:

  • Ubgoba bg’ibintu, ukwiganyira mukwikengera, kwama ushaka gushimisha bose ngo bakwemere, gutinya ivyo abandi bakwiyumvirako, ukwikunda birenze no kutagira ukwihangana bibangamira umutima w’umuntu.
  • Ubgibone, ibinyoma, ukugaya abandi, ukwishira hejuru, ishavu n’inzigo no kuvuga nabi abandi ni kamere gakubagura abantu benshi.
  • Ugusenga ibishushanyo, kwifashisha ibiheko, imiti y’imitongerano, kurondera ubushobozi budasanzwe no kuraguza bizingamitse benshi.
  • Ubusambanyi, ukwisambanya n’ukwipfuza kw’umuri ni igitsitaza cama gituma abantu bama amaganya mu mitima yabo.
  • Ukunywa ibiyovyabgenge, ukaneshwa n’itabi, n’inzoga, n’ibindi biribga vyafashe mpiri abatari bake bakamana intuntu.
  • Uguhungabana mu mutima, mu vyiyumviro, ukibaza yuko udashemeye, ukigereranya n’abandi, kutagira uwo wizera, kutagira urukundo, no kwumva utazi uwo uri ni ibintu bihanze benshi.
    Hariho vyinshi bibabaza kandi bigakomeretsa imishaha ya benshi kuko bagomba kuba abidegemvya mugabo bakabura inzira yo kubivamwo. Urashobora kuba ufise ibintu vyose, ukitondera n’ivyagezwe vyose mugabo ukaguma wumva uhajije vyose nka wa musore w’umutunzi yaza kuri Yesu Kristo. Umwami Yesu yamubariye ati ko witondeye ivyagezwe vyose shora ivyo ufise vyose maze unkurikire [Matayo 19:16-30, Mariko 10:17-31, Luka 18:30].
    Nta kintu na kimwe ushobora gukora mu nkomezi zawe kugira ngo wigobotore mu vyara vya satani atari ugukurikira Yesu Kristo we nyene. Kugira ngo ugire ubusabane n’Imana kandi ugire umwidemvyo mu kubaho kwawe, ngizo ingingo wokurikiza kugira ngo wumve amahoro asagutse yo mu mutima.
  1. Umenye yuko waremwe n’Imana kandi igukunda nk’uko yaremye uwundi wese mukuru canke muto, uheze wiyambure ubgoba ubgaribgo bgose butuma udafata ingingo nziza ku bugingo bgawe. [Imigani 12:25]
  2. Wakire Yesu Kristo kugira ngo akubere Umwami n’Umukiza w’ubugingo bgawe, ntube umunyedini canke umugendashengero gusa. Mugabo urondere kugiranira nawe imigenderanire y’umwihariko. [Yohana 15:12-15]
  3. Uhore ufata umwanya wo gusoma Ijambo ry’Imana no gupfukama ugasenga uri wenyene. Wongereko gusenga wisonzesheje. Ivyo bizoguhindura mu migenzo n’imibereho yawe. [Zaburi 1:1-3, Abaroma 8:26]
  4. Ukunde kandi wubahe ivyagezwe vy’Imana kuko bitoza indero nziza kandi bikaguha umugisha. Ivyagezwe vy’Imana si birya icumi gusa kuko vyonyene ntawe vyocungura. Ivyagezwe ni ijambo ryose ryanditswe n’Imana n’ico cose Mpwemu Yera akugera. [Abigalatiya 5:18, 13:8-10]
  5. Wikure ivyiyumviro vyo kwibaza yuko abapfumu n’abarozi bagufiseko ububasha canke yuko hari ico bokumarira mu buzima bgawe. [Abalewi 19:26, Gusubira muvyagezwe 18:10-11]
  6. Ntuganzwe n’abanyamigambge n’imihari, abanyamadini n’amashengero mugabo umenye kandi uganzwe n’ijambo ry’Imana no kurongorwa na Mpwemu Yera. [Abaroma 8:14, Zaburi 143:10]
  7. Wigirwe kure ivyiyumviro vy’amacakubiri y’amoko (Abazungu, abarabu, abirabure…) n’imiryango, intara n’imico y’abantu. Ivyo atari umubirizi bikunywesha nta ciza bikuzanira. Umuntu wese yaremwe mw’ishusho y’Imana kandi afise ubgiza n’ububi bgiwe. [Zaburi 19:1, 2 Abikorinto 3:18]
  8. Unezererwe ico Imana yakugize ntukisuzugure ngo wikengere kuvyo ushoboye gukora. Uko ungana kwose, amashure wize uko angana kwose, hari ivyiza vyinshi ushoboye gukora. [Zaburi 32:11, Abaheburayo 1:9]
  9. Wigire umugambi wo kwama wiyuhagira neza ku mutima no ku mubiri, wisige, wambara neza kandi ufungura neza. Ivyo ukabikorera n’umuryango wawe co kimwe n’abandi. [Zaburi 51:7, 2 Abikorinto 7:1]
  10. Wame wirinda guhuruduka mu mvugo zawe no kwihutira gukora ikintu utabanje gusuzuma ingaruka zaco. Ube umwansi w’amajambo y’urwanko no kunegura abanda. [Imigani 14:16-26]
  11. Ntugatinye kuvuga ukuri kugira ngo hagire ico ukiza naho abantu benshi boba bashigikiye ikinyoma. Umuntu wese umubgire ukuri mu burwageza n’urupfasoni. [Abayefeso 4:15]
  12. Wibuke kwubaha abaganza igihugu no mw’ishengero ubereke ubgiza bg’Imana igihe cose batakurongorera gukora icaka. Wubahe na beneso mu mvugo, mu bikorwa no mu mibano yawe kuko Uhoraho Imana adutuma kwuzura na bose. [1Petero 2:17, Abaheburayo 13:7]
    Ugendeye kuri izo mpanuro, uzoba wigobotoye mu vyara vya satani kandi inyigisho z’ivyigeze vy’inyererezi zigusubiza mu buja bga satani zizobura aho ziguca. Umwami n’Umukiza Yesu Kristo Yamamare!