
AMASEZERANO UHORAHO IMANA YAHAYE IGIHUGU C’UBURUNDI
Uhoraho Imana Nyeningabo, Imana ya Aburahamu, Imana ya Isaka, Imana ya Yakobo, Imana ya Eliya, Imana ya Dawidi, Imana ya Pawulo na Yohana; Se w’Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo yitoranirije Ihanga ry’Abarundi ngo bamubere inyegu yiwe nkuko kera yatoranije Ihanga rya Isirayeli. Abarundi ni ihanga Ryera ryatoranijwe n’Uhoraho Imana. N’Uko rero twabaye Ihanga Ryera ry’Imana, abatoranijwe bagahabga isezerano.
Aya masezerano y’Uburundi yanditse muri Bibiliya Yera nk’uko umuhanuzi Yesaya yabihishuriwe muri [YESAYA 19:18-25] mu mwaka wa 700 imbere y’uko Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo avuka. Abarundi batanguye kuyahishurirwa kera mbere yuko n’Ihanga rya Isirayeli rironka igihugu ryitirirwa muri rya shirahamwe Mpuzamakungu ONU. Ubuvugishwa n’ubuhanuzi bwa mbere ku gihugu c’Uburundi bga vuzwe mu mwaka wa 1935, umwaka amashengero ya pentekote yatanguzwa mu Burundi n’abakozi b’Imana bari baje bava mu gihugu ca Suwedi. Umuvugabitumwa URI yavuze yuko Abarundi ari ihanga ryatoranijwe n’Imana. Ubundi buvugishwa bgasaba Abarundi kwisonzesha, kwiyeza no gusenga cane kuko ari Ihanga ryatoranijwe, bgavuzwe muri Myandagaro mu 1968 mu gikorane c’Amashengero ya Pentekoti cari cabereye i Mugara. Inyuma yaho hari n’abandi bavugishwa baturuka muri Isirayeli, ubudagi, ububiligi amerika n’ahandi bavyeretswe. Benshi berekwa umuco ukorotse uvuye mw’ijururu, ugakorokera I Burundi hanyuma ugakwira isi yose.
Ubgacu Uhoraho Imana yaraduhishuriye incuro nyinshi ayo masezerano n’ingene igihugu kizoca gitunganywa kandi n’uyu munsi ikomeza kuvugana natwe ido n’ido ry’amasezerano yaduhaye. Mbere yaraduhaye urutonde uko vyose bigiye kugenda birakurikirana, ibizohinduka, uwo Uhoraho Imana yamaze kwirobanurira ikimika n’ibindi vyinshi. N’uyu munsi turi mu masengesho yo kwihana, ukwiyeza no gutungana; Uhoraho Imana aguma atwibutsa amasezerano yaduhaye. Abantu benshi bamaze kwumva ivyerekeye ayo masezereno bagerageje kuyihererezako, abavugishwa bamwe barikanira ngo babavugishweko, abanda nabo biha kwirotesha inzozi ngo nibo batoranijwe. Ibanga n’uko uwatoranijwe yiyizi mugabo adashobora gucira hasi iryo banga riri hagati yiwe n’Imana. Mwumvise abantu bivuga yuko aribo Imana yimitse mumenye yuko abo ataribo.
Uhoraho Imana yatubariye vyinshi biri muri ayo masezerano mugabo bikurubikuru ni ibi:
- Twagiriwe ubuntu bgo guhamagara Uhoraho Imana akaza gutura mu gihugu cacu c’Uburundi, atari mw’isandugu y’isezerano nk’uko abakera babikora mugabo ububasha n’ubuntu bg’Imana bukuzura igihugu cose c’Uburundi.
- Igihugu c’Uburundi, Uhoraho Imana yitoranirije isirayeli yaragitoranije Uburundi ngo Abarundi bamubere Ihanga Ryera, ishamvu yiwe rizotwara umuvyuro n’ikanguro kw’isi yose. Mu mvugo y’ubuhanuzi ni nka Isirayeli ya kabiri.
- I Burundi, Uhoraho Imana y’Ubushobozi yahatoboye iriba ry’Agakiza, Ivugururwa, Umuvyuro n’Ikanguro kandi n’abanyamahanga bazorinywako basubire gutahura ukundi gushasha umugambi Imana yo mw’ijuru ifitiye abo yaremye.
- Uhoraho Imana yarobanuriye Ihanga Ryera ry’Abarundi, uwuzorongora Uburundi bg’ISEZERANO azotunganiriza Ihanga rwiwe. Uwo yaramuhaye amabanga y’ingene azorongora igihugu kuko yamushizemwo ibanga ry’urukundo n’uburwaneza kuri bose kugira ngo aheshe icubahiro Uhoraho Imana. Aguma mw’ibanga rinini kuko nirwo rupfunguzo rw’ibanga yahawe.
- Nta migambge, imihari n’imigwi. Nta madaini n’amashengero bizobaho ngo bibere intambamyi intwaro y’uwo Uhoraho Imana yimikiye Ihanga ry’Abarundi kuko Imana izoba yatanze amahoro n’impore ku gihugu. Ni icirore c’inganji y’Abera irongowe na Kristo Yesu ku gihugu.
- Imbibe z’igihugu c’Uburundi bg’ISEZERANO zigiye kwaguka kubera agakiza, urukundo n’ikanguro mu Mpwemu, mu mibano, mu ntwaro, mu butunzi, iterambere n’ubugwaneza bG’ihanga Ryera ry’Imana.
- Isi aribgo butaka bw’Uburundi bugiye kuvumurwa, isi ndimwa yimbuke, haboneke n’ubutunzi ibitoro, ubutare n’ibindi biri mu butaka bizotuma Abarundi babaho neza kandi mu buryo bga kijambere.
- Uhoraho Imana Isumba Vyose yasutse Mpwemu y’ubwenge, ubumenyi n’ibitanganza mw’Ihanga ry’Abarundi. Hagiye kubera ibitangaza, ingwara nyinshi zikire, akazuba, akayaga n’ivyatsi vyi Burundi bigiye kuba umunti ku muntu wese azohonyoza ikirenge mu gihugu c’Uburundi. Impwemu y’ubujuju, ubuzimire n’ubujora igiye kuzimangana maze Impwemu y’ubgenge abe ariyo isukwa mu bantu bose bazoba baba mu Burundi.
- Igihugu c’Uburundi kigiye gutera imbere, ifaranga rigire agaciro, impunzi zose zitahe, habe abapfunzwe bake cane, Abarundi babeho neza kandi mu mahoro y’umusesekara mbere n’abanyamahanga bipfuze kuza kwibera iBurundi.
10.Igihugu c’Uburundi kigiye gutera imbere habe amashure y’ubumenyi n’ubushakashatsi vya mbere kw’isi, habe ubuvuzi, ubuhinga n’ubumenyi bga mbere kw’isi muri tekinolojiya. - Igihugu c’Uburundi kigiye gutera imbere kw’isi habe amabarabara ya kijambere, amagorofa maremare vyubakwe, amagari yo kundarayi, indege nyinshi mu kirere, inzira zo mumazi n’ibigendajuru vy’ubushashashatsi birungikwe mu kirere.
- Igihugu c’Uburundi kigiye gutera imbere mu buhinga bga gisirikare, ubuhinga bgo kumenya amakuru anyegejwe yo gukingira umutekano w’abanyagihugu n’ubutunzi bg’igihugu abantu bose bazobaho mu vyizigiro n’umunezero ntangere.
- Urwanko n’amacakubiri y’amoko, imiryango, intara, imigambwe n’amadini bigiye kuzimangana Abarundi babeho mu mahoro, urukundo, kwubahana, ubuntu, ubupfura, urupfasoni no gutinya Imana.
- Ikirundi ni ururimi rw’Ihanga Ryera ry’Imana, ururimi ruhawe agaciro gakomeye kandi rugiye kumenyekana kw’isi yose. N’abanyamahanga bagiye kwiga kuruvuga. Amajambo atahoraho mu rurimi rw’ikirundi agiye kuboneka, ivyiyumviro vyose bigire amajambo abisigura, ikintu cose kigire izina ryaco kubera umugambi w’Imana.
- Uhoraho araje gushira kw’iherezo ibihe bigoye Abarundi baciyemwo vy’ubwicanyi, ukwangara, uguhunga, inzara n’ubukene, ugutungana intoke n’urwanko. Harashizwe kw’iherezo uruhungo, itotezwa, akarenganyo, intwaro z’igikenye n’ayandi mabi bigiye ku zimanagana i Burundi. Uhoraho Imana y’ubushobozi arazanye igihuhusi kivuye imbere mu gihugu no hanze yaco, iyo miyaga ije gusenyura no gushira kw’iherezo ivyo bibi vyose kugira ngo uwo Uhoraho Imana yamaze kwimika abe ariwe aganza yime Ingoma mu Burundi. Uburundi bugiye kuba igihugu c’amata nubuki, igihugu c’uburuhukiro kugira ngo Abarundi batware umuvyuro n’ikanguro wo gutegura umugeni Kristo Yesu azoza gutora, Amen.