
MU NDWI IMWE GUSA TUZOBA TWIJIYE MURI YA MASENGESHO YO KWISHITURA IBITURUSHA
Woba ufise umutwaro wawe canke umutwaro w’uwundi muntu ugomba yuko twese hamwe duterura tukawereka Uhoraho Imana.
Woba ufise ikintu kikugoye mu buzima ugomba yuko kikuvako kigahera burundu.
Ca gihe cashitse. Mu minsi itandatu iri imbere tuzoba twinjiye muri ya masangesho yo kwitanga aho tuzomara iminsi itatu twisonzesheje turi imbere y’Imana dusenga gusa.
Twihane, twiyeze kandi twuzuzwe Mpwemu Yera nawe adufashe gusenga mu kutunihira iminiho itovugwa n’abana b’abantu kandi adushitse ku kumenya ukuri kwose.
Mwitegurire iyo minsi ihambaye y’amagenekerezo ya 17, 18 na 19 z’uku kwezi, uyu mwaka wa 2021. Tuzibonera ukuboko kw’Imana.