Ingene wokwitegurira aya masengesho yo kuwa 17-18 na 19/12/21

INGENE WOTEGURA AMASENGESHO YO KWITANGA NGO DUSENYURE INZITIRO ZA YERIKO IRI IMBERE YAWE.

Hasigaye umunsi umwe gusa ngo twese twinjire muri ya masengesho yo kwitanga azomara iminsi itatu. Azotangura ejo kwi 16 mw’ijoro isaha zitandatu z’igicugu buca ari 17/12/21. Hageze!
Hamwe woba uba hafi y’igicaniro canke icumba c’amasengesho wovugana n’umurongozi ukazoguma ngaho. Hamwe atawe uzi naho nyene nta ngorane, uzoyakorera mu rusago rwawe. Tegura ahantu hiherereye uzosengera Uhoraho Imana atabigusamaza.
Ufise agakaye n’agakaramu ukibangikanye hafi yawe cokimwe na Bibiliya n’igitabo c’indirimbo. Ako gakaye niko uzokwandikamwo ivyo weretswe, ivyo warose, amajwi wumvise n’ivyo wabariwe vyose.
Hariho ibintu utegerezwa gukora imbere yuko utangura aya masengesho:

  1. Ni wibuke amasezerano yose wahawe n’ayo igihugu cahawe, uyizere kandi uheze uyatuze akanwa kawe. Burya Bibiliya ni igitabo c’amasezerano ku bizera bose.
  2. Ni wisuzume ivyaha n’amakosa yose wakoze muri kahise na k’ubu uzoheze uvyicuze kandi uvyihane. Umunsi wambere w’amasengesho uzoba ari uwo kwicuza no kwihana. Ni wakenera ugufasha kwihana turahari.
  3. Ni wegeranye imitwaro yawe yose. Gira urutonde rw’ivyo ukeneye vyose n’umuryango wawe. Ivyo ukeneye ku gihugu vyose kuko umunsi ugira kabiri uzoba uharize gusengera imitwaro. Wumva ukeneye ubufasha biturungikire tugufashe kubiterurira imbere y’Imana.
  4. Ni wegeranye ivyo ushimira Uhoraho Imana mu bugingo bgawe. Wandike indirimbo, ivyivugo, ivyese, ibicuba, imvugo ndoheramatwi n’ibindi vyose wokoresha mugushima Uhoraho Imana, gushimira umwami w’abami. Kuri ivyo haziyongerako ibindi uzohabga muri aya masengesho.
    Ugomba ubufasha turondere kuri:
    +1605 400 5580
    +257 69 04 05 14
    +257 69 10 81 30
    +251 94 084 6357
    +256 706 913636
    +257 61 40 41 81
    Umwami Yesu Kristo yamamare!