
AMASENGESHO YO GUSENYURA YERIKO ZAWE ARATANGURA SA SITA Z’IJORO KW’ISI YOSE.
Aho uherereye hose mu gihugu no mu mahanga nturenganwe udatanguranye n’abandi aya masengesho Uhoraho Imana yatumiriye abizera bose aho bari kw’isi. Hariho vyinshi vyo gusengera mugabo ntuce usimbira gusaba ivyo Imana igukorera, wihutire gutunganya nayo. Ukwihana, ukwigaya n’ukwiyeza. Ni wibuke ivyaha n’amakosa yose wakoze kuva ucaruka uheze uyemere kandi wigaye, usezerane yuko utagisubira kimwe ku kindi.
Nti wihute mu gutunganya n’Imana ngo irabizi. Bifatire umwanya ubiganireko n’Imana kugira ngo ubanze ubikore ntibizogaruke ukundi. Ntawusengana ivyaha ngo yumvirwe kandi kuja imbere y’Uhora gusenga utavyihanye bisa n’indirimbo y’umubu mu gutwi kwawe. Uca ugira gute ? Urawirukana.
Uhejeje kwihana n’ukwezwa niho ushobora kuja imbere y’imbere y’intebe y’Imana ushize amanga. Twese hamwe twejejwe ni twaduza amasengesho yacu aho turi kw’isi yose amera nk’ikigendajuru gisenyerana ibisenge vy’abadayimoni n’ibindi vyose vyazibiye inyishu z’amasengesho yacu.
Uko usenga kwose ubosabe mw’Izina rya Yesu Kristo, Amen!