
IBIKORWA 5 UMWANA W’IMANA ADASHOBORA KWIRENGAGIZA NA GATOYA MU BUZIMA BGIWE.
Nkuko mu bizi, Ishengero ry’Imana ryaravangiwe n’imigenzo n’inyigisho za satani n’igipagani. Ikibabaje n’uko n’abavuga yuko bakorera Imana badashaka gukosora ibibi vyose vyasutswe mu mw’ishengero bakabibandanirizako.
Hariho ibikorwa 5 uwa-Kristo wese ategerezwa kubonekamwo, umuntu wese akabimusomamwo:
- Kwubaha ivyagezwe Imana iduha no kuba umunyangeso nziza. [ Zaburi 78:7, Gusubira muvyagezwe 10:13, Abigalatiya 5:22-23, 1 Abikorinto 13:1-3]
- Gusenga no gusengera abandi, kwiga no kwigisha ijambo ry’Imana agatangaza ubu-Mana bga MESIYA. [Zaburi 35:14, Ezira 8:21, 2 Timoteyo 3:16]
- Gukora ibikorwa vy’urukundo kuri beneData, impfuvyi n’abapfakazi, abapfunzwe, impahazwa, abarwaye n’abatishoboye. [Matayo 25:31-40]
- Kubatiza abizera ubutumwa bgiza bga Yesu Kristo mwabigishije. [ Matayo 16: 20]
- Kwama ufata umwanya wo kwibuka Umwami n’Umuiza wacu Yesu Kristo mu gukora isangira ryera. [Luka 22:19-20]
Kenshi na kenshi bamwe bigira abigisha b’ijambo ry’Imana abandi bakaba abanyedini mugabo ivyabo vyose bigaherera mu majambo. Twebge nk’abana b’Uhoraho Imana dutegerezwa kwumva no gukora kuko ukwizera kutagira ibikorwa kuba gupfuye. [Yakobo 2: 14:26]