
UMUNEZERO N’AMASHIMWE MW IHANGA RYERA RY IMANA NO MUBIZERA BOSE.
Kuri uyu munsi ugira gatatu w’igikorane c’amasengesho mu yo kwitanga ariko arabera mu gihugu cacu no kw’isi yose, nkuko mubizi, twatewe iteka ryo kumanukana kuri Yorodani kubatiza beneData bizeye Yesu Kristo kuba Umwami n’Umukiza wabo.
Ni umunezero n’iteka ntangere kubona ico gikorwa carangutse mu mihingo itari mike kandi tukaba tugiye gusangira ifunguro ry’Abera n’abo bakunzi b’umusaraba ku meza y’Umwami.
Hamwe hoba hari uwugomba gushitsa ukugororoka kwose nkuko Umwami Yesu yabivuze [ Matayo 3:15] arahawe kaze kuko nico twahamagariwe. Aho duhamagarira umubatizo umuntu wese atarizera, kwizera no kubatizwa; umuntu wese yabatijwe akiri akayoya gufata ingingo we ubgiwe kugira ngo abatizwe; umuntu wese yabatijwe umubatizo utariwo nko gusuka amazi ku ruhanga n’uwumva mu mutima wiwe yuko agomba kugira ubusabane bguzuye n’umucunguzi yamubambiwe akanukiza urupfu.
Aho uri hose, igihugu urimwo cose, turondere turagushikako maze ushitse ico cagezwe c’Imana yacu.
Umwami n’Umukiza Yesu Kristo yamamare!