Ukwumva ijambo ry’Imana n’ugukora nico abana b’Imana bahamagarirwa.

NTAKINTU KINEZERA UMUTIMA W UMWANA W IMANA NKO GUSHOBORA GUFASHA ABANDI BITWIBUTSA UWITANZE AGATANGA UBUZIMA BGIWE KUBGACU.

Icagezwe c’urukundo n’uburwaneza ni ntarengwa ku mwana w’Imana Nzima. Ni ikimenyetso ntarengwa yuko umuntu yakiriye agakiza gaturuka ku Mwami n’Umucunguzi wacu Yesu Kristo. Kandi mu buzima bgacu bga misi yose, gukora ivyiza bidufitiye akamaro kanini ku magara yacu:
-Iyo ufise umuti urimwo umubabaro ukumva umengo hari ikintu gihambaye ubuze mu mutima wawe, korera ivyiza abandi uca wumva wuzuye umunezero.
-Iyo wama ukora ivyiza, umutima wawe wamamwo amahoro n’umunezero.

  • Iyo ukora ivyiza ugira imigisha mu buzima bgawe kuko ivyo utanga bikugarukako incuro kabiri.
    Umuntu arashobora kwibaza ngo none nokora ivyiza gute? Ugukora iciza ntibirinda yuko uba ufise ivyo utanga n’ivyo usigarana nkuko babivuga. Ni ugutanga ivyo ufise. Urwo nirwo rukundo. Ehe ingene ushobora gukora ivyiza nk’umwana w’Imana:
  1. Ikiyago ciza n’abantu bose mukubishurana uburwaneza.
  2. Gutwengera umuntu, gushima ingeso nziza ziwe no kumutera intege.
  3. Kuja gusuhuza umuntu arwaye canke uwupfunzwe ukamuremesha.
  4. Kugaburira abashonje no guha ico kunywa abanyotewe, kwambika abagenda gusa, kwubakira abatagira aho baba…
    Mu bikorwa vyaranze Ihanga Ryera ry’Imana kuri uyu munsi kandi vyamye bituranga harimwo gutwara ishikanwa ryacu gufasha impfuvyi n’abapfakazi, abarwayi n’abapfungwa, abamugaye n’abagendana ubumuga.
    Ivyo bikorwa vyamamaza ubgami bg’Imana kure n’iyo gusumba ukwungikanya amajambo abantu bakora ku mbuga.
    Kristo Yesu aramamaye!