
ISHENGERO RYA YESU KRISTO IHANGA RYERA RY’IMANA TWAHISEMWO GUKORA IKINTU COSE MU KURI NO MU MPWEMU.
Burya ijambo ry’Imana rirabangutse kandi rifise inkomezi. Rimeze nk’itota y’ubugi impande zose, isongoye kandi ikarishe ku buryo yinjira igatandukanya umushaha n’impwemu, igatandukanya igufa n’umusokoro. Riratandukanya imigabo n’ivyiyumviro biri mu mutima w’umuntu. [ Abaheburayo 4:12] Dukwiriye kwama turizirikana muri vyose, turishira mu ngiro nk’uko riri uko Mpwemu w’Imana arishingira intahe maze ntituritahure uko ritavuga nk’uko abantu bariha intumbero bishakiye.
Mu gushira mu ngiro ijambo ry’Imana, ibikorwa vyinshi tubikora mu mubiri mugabo bifse ibintu vyinshi bihindura mw’isi y’impwemu no mu buzima bgabantu nkuko bikaduhindura natwe ubgacu. Ukoze uko ijambo rivuga uhabga imigisha yo mu mubiri no mu Mpwemu irimwo itunga, amagara meza no kuramba. Ariko uritwaye ukutariko, rikuviramwo ubuzimire, amagorwa, ibamba n’urupfu.
Mwibange ijambo ryose kuko mu kanwa k’umuntu, ukurikije ivyo yatuza ururimi rwiwe, havamwo urupfu canke ubugingo kandi ibibogaboga mu mutima w’umuntu biseruka ku rurimi. [Imigani 18:21; Matayo 12:34, Luka 6:45] Muze mukurikirane ijambo ryose uko rimeze kugira ngo nti muze mwihende kukintu canke ku muntu.
Ivyo bikorwa vyo kwitondera kimwe ku kindi Ijambo ry’Imana, ugusenga kw’umuntu, umubatizo n’isangira ryera. Imeza y’Umwami wacu Yesu Kristo ni ibgirizwa dutegerezwa kw’ubahiriza kuko ni isezerano twasezeraniwe.
- Ukwigisha ibinyoma bamwe babikora nk’ukwinezereza mugabo ingaruka zavyo bijana abantu benshi mu buzimire no mu muriro udahera arirwo rupfu. [Yeremiya 23:15-32, Abaroma 16:17-20, Yuda 1:12, 2 Petero 2:17, Tito 3:9]
- Ugusenga ibigirwamana bikwega akarambaraye atari ku muntu abikora gusa mugabo bizana uburake bg’Imana kw’Ihanga ryose aho riri. [Kuvayo 20:3, Gusubira mu vyagezwe 5:6, Matayo 4:10, Luka 4:8]
- Umubatizo ukozwe ukutariko ukwegera umuntu kubohwa no guhahazwa n’abadayimoni canke ukaba impfabusa nk’ikimenyetso ataco kimaze. [Iivahishuwe 18:23, Abalewi 19:31, Yesaya 8:19]
- Isangira Ryera rizana ubugingo bguzuye bgo kuramba ariko uwurikoze nabi rimuzanira intege nke, irwara, umuvumo n’urupfu. [1 Abikorinto 11:30]
Nico gituma abana b’Imana Isumba Vyose, dutegerezwa gukora ikintu cose neza kandi ku mwanya waco turongowe n’Uhoraho Imana kuko tuzi neza yuko inyuguti zica ariko Mpwemu Yera atanga ubugingo. [2Abikorinto 3:6]
Umwami Yesu Kristo yamamare!