Twifatanije n’ababaye bose gushima Imana iturenganishije uyu mwaka urangiye akadushitsa mu mwaka mushasha.

IHANGA RYERA RY’IMANA RYAGIYE KWIFATANYA N’ABARWARIYE MU BITARO PRINCE RÉGENT CHARLES GUHIMBAZA UMINSI MUKURU UTANGURA UMWAKA.

Kuri iri genekerezo rya 31/12/21, twashimye kwifatanya n’abarwariye mu bitaro Prince Régent Charles kugira ngo dusangire umunsi mukuru utangura umwaka wa 2022
Twabashiriye ijambo yuko Umwami wacu Yesu akiza, turasenga, dusangira imfungurwa tubasigira n’agasabune. Nawe aho uherereye ntiwigine umunsi mukuru wenyene. Wibuke abarwayi, abapfunzwe, abagendana ubumuga, abageze muzabukuru, impfuvyi n’abapfakazi. Umugenzo n’umugirwa wo kugirira neza abari mu bibazo ni akaranga k’aba-Kristo kuva kera.
Hari abavuga ngo naho bobikora ntavyo bovuga ngo kuko ijambo ry’Imana rivuga yuko ico utangishije ukuboko kw’iburyo, ukuboko kw’ibubanfu ntikubimenye [Matayo 6:3] canke iyo usenga uje haruguru mu cumba mu bgihisho ntuje mu mayira abiri[ Matayo 6:5-8]. Izo ni inyigisho Umwami wacu Yesu Kristo yigishije kugira ngo abantu ntibabe nk’indyadya, abafarisayo bavuga ibintu kumunwa canke bakoze ikintu bakagikora kugira ngo abantu bababone. Twebwe abana b’Imana dutegerezwa kubikora kugira ngo duheshe Imana icubahiro.
Yesu Kristo ntiyabujije abizera kwigisha abandi gusenga mu kuri no mu Mpwemu. Ntiyabujije abera kwigisha abantu gutanga no gufashanya. Ubuzima bgiwe bgaranzwe no kwigisha. Ni naco gituma tumwita umwigisha wacu na bugingo n’uyu munsi. Wibuke gushima Uhoraho Imana yuko akurenganishije umwaka wa 2021 kandi umwibutse amasezerano yadusezeraniye muri uyu mwaka wa 2022 dutanguye.
Umwami Yesu Kristo Yamamare!