Imigabo wogira mu mutima wawe imbere yuko utangura umwaka wa 2022.

IMBERE YUKO UYU MWAKA WA 2021 URANGIRA WOKORA IKI?

Imbere yuko uyu mwaka wa 2021 urangira kugira ngo winjire muri 2022 wokwigira inama yico ushobora gukora ku bugingo bgawe. Hasigaye umunsi umwe gusa wa 31/12/2021.

  1. Urashobora kwirimbura aho wakoze neza n’aho wagenze nabi ugaheza ukigira umugambi wo guhindura. Ukuvavanura n’ingeso mbi. Uraba uwo wagiriye nabi ukamusaba imbabazi, ukaraba uwo ufitiye ishavu, ishari canke inzigo ukamuharira kugira ngo ube uwidegemvya utangure umwaka mushasha atabifashi.
  2. Hariho ingeso zitari nziza wohitamwo guhindura n’ivyaha wokwihanira kureka. Waruzi yuko hari ibiribga n’ibinyobga ukwiriye kureka? Ingeso nk’ububeshi, ubusambanyi, ubusuma n’ibindi vyaha vyibera mu mitima y’abantu ntibabikore kubera atakaryo ka hari gusa mugabo babigendana mu mutima. Ni ukuvyihana ku buryo naho woba uri wenyene imbere y’ivyo bitsitaza uguma uhagaze.
  3. Ukwiriye kwicara hamwe ukibuka Ivyo Uhoraho Imana yavuganye nawe ukavyiyibutsa vyose kandi ukabishimira Imana. Abantu benshi baguma babona ivyo umurwi w’abantu ariko wewe ukwiriye kuraba ivyawe n’Imana muri babiri ukivuganira nayo.
  4. Ukwiriye kurimbura ivyo ukeneye mu buzima bgawe n’ivyo uzorangura Imana igutije ubuzima. Wokora imigambi y’iterambere, ukiha ihangiro ry’ivyo ugomba gushikako, ingene uzobishikano kugira ngo umwaka wa 2022 ugitangura nawe utangure ivyo bikorwa. Kira kwezi wihe intambge wogerageza gushikako n’ingene woyishikako mu mubiri no mu Mpwemu.
  5. Ku munsi urangiza umwaka ufate umwanya wo gushimira Imana. Naho woba warakenye, warashonje, wararwaye, wararwaje, warapfushije, warabuze akazi canke hari ibindi vyakugoye; si igihe c’amarira, si igihe c’ukwidoga canke c’imyikomo mugabo ni umunsi wo gushima. Gushimira Imana yuko ukiriho, gushimira Imana yuko ufise agakiza, ugushimira Imana yuko naho hari ivyashitse mu buzima bitari vyiza yuko Imana ikigukunda. Rondera wibuke ivyo Imana yagukoreye maze ubiyishimire. Amashimwe ni urupfunguzo rw’imigisha.
    Ku vyerekeye abizera amasezerano bahawe, ni mushimire Uhoraho Imana yacu yuko agira adushitseko ivyo yadusezeraniye vyose.
    Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo yamamare!