Satani ariko ararondera uburyo bgose abiwe bose boronka ikimenyetso nk’uko ab’Uhoraho Imana bose bafise Mpwemu Yera.

UMUKRISTO WESE ASABGA KUTAJANA N’IMIYAGA YOSE IHUHUTA MUGABO KWAMA ASIGUZA MPWEMU YERA AKAGENDANA N’IHANGA RYERA RY’IMANA.

Mwame muri maso kugira ntimuhendwe n’abicura iki na kiriya, abigira ba kamenyi b’ivyagezwe na cane ivyo abanyamadini. Imana yaguhaye Mpwemu Yera ngo aguhishurire ikintu cose na cane cane icokubuza kuja mw’ijuru kandi uri uwejejwe.
Bazokubgira umunsi w’amakoraniro, bazokubgira urucanco, bakubgire ivyo beretswe mugabo wame umenya yuko yuko ivyo Uhoraho Imana atari ikigereranyo mugabo yuko ari ukuri (1)yumva (2) ivuga (3) itanga ibimenyetso kandi ivyo vyose ibisubiramwo. Ukwizera si ukwemera gusukwa n’inyigisho z’abantu ahubgo ni uguhagarara kuco Uhoraho Imana yavuze caba icanditse muri Bibiliya Yera canke icarico cose Mpwemu Yera ashingira intahe.
Abantu benshi baribagira yuko ivyo bumviriza, ivyo barorera, ivyo bipfuza n’ivyo bagabirije arivyo barota.
Ubutumwa bg’Imana si amajambo y’abantu, ni ijwi rituragara rivuye mw’ijuru rikemeza uwuryumvise n’uwuryumviye wese. Mwumvirize, murorere kandi musiguze Mpwemu Yera muri vyose kugira ngo ntimujane n’imiyaga yose.