Uhoraho Imana yaduhishuriye amabanga ahambaye mu gihe twari mu mashimwe y’ababarijwe.

IVYAVUYE KU MUSOZI W’AMASENGESHO KUWA 28-12-21
Mugihe dufise umunezero wa beneData bakiriye agakiza, bakihana ivyaha vyabo bakabatizwa twebge twari mu mashime. Twariko turahamagara Imana ku gicaniro c’Ihanga Ryera ry’Imana nkuko dusanzwe tubikora kuri uyumusi w’igenekerezo rya 28/12/2021, Uhoraho Imana yururutse aganira natwe ibitari bike kandi yabicishije mu bavugishwa n’Imana batandukanye. Yatubarira yuko ivyo yasezeraniye Ihanga Ryera yirobanuriye agira abishitse. Uhoraho ati: “Ni mugume mutekanye kuko ndiko ndagenzura igikorwa natanguye kandi ata nahamwe nimiriwe gushika. Hariho abantu benshi bansenga mu busa kuko basengana ivyaha n’uburyarya. Umwampi nateguye ugiye kurasa mu ngoro y’ubgami bgabo vuba”. Twahavuye duhabga amajambo ari muri [ABIFILIPI 4:1-9] Twasabge kuguma twiyeza kandi dusenga urudaca.
“1Nuko rero, abo nkunda mporanira igishika, mur’ umunezero wanje n’igitsibo nambaye, muhagarare mushikamye murtyo muri mu Mwami wacu, abo nkunda.
2 Ndahanura Ewodiya, ndahanura na Sintike, ngo bahurize imitima mu Mwami wacu. 3 Kandi nawe, ndakwinginga, uwo dufatanije igikorwa vy’ukuri, wame ufasha abo bagore, kuko barwananye nanje mu kurwanira ubutumwa bgiza, bo na Kilementi n’abandi bafatanya nanje, amazina yabo yanditswe mu gitabo c’ubugingo.
4 c Mwame munezererwa mu Mwami wacu imisi yose; ndabivuze ubugira kabiri: ni munezerwe. 5 Ubugwaneza bganyu bumenywe n’abantu bose; Umwami wacu ari hafi. 6 Ntimugire ico mwiganyira, ariko muri vyose ivyo mugomba bimenyeshwe Imana, mu gusenga no mu kwinginga bifatanije no gukenguruka. 7 Maz’ amahoro y’Imana aruta uko yomenywa n’umuntu wese, azoshibamira imitima yanyu n’ivyiyumviro vyanyu muri Kristo Yesu.
8 Ibisigaye bene Data, ivy’ ukuri vyose, ivyo kwubahwa vyose, ibigororotse vyose, ibitanduye vyose, ivy’ igikundiro vyose, ibishimwa vyose, ni haba harih’ ingeso nziza, ni haba hariho gushimwa, abe ari vyo mwiyumvira. 9 Ivyo mwize, ivyo mwakiriye, ivyo mwumvise, ivyo mwambonanye, abe ari vyo mukora: ni ho Imana Nyen’ amahoro izobana namwe.”
Umwami Yesu Kristo yamamare!