Ivyo Uhoraho Imana yavuze vyose bigira bishike.

UWUFISE AMASO YO KUBONA N’AMATWI YO KWUMVA N’AGIRE ICO YIBARIYE.

Bakunzi b’Umusaraba, dusenga Uhoraho Imana ivuga n’Imana ishitsa. Uwutarabimenya agiye kuvyibonera maze ajijuke.
Dusenga Imana yumva, Imana yishura kandi ikarongora mu nzira nziza umuntu wese ayokundiye.
Usanga utarayibona mu bugingo bgawe urabaza beneData benshi bafise intahe n’ibishingantahe. Usanga ushaka kuyibonera, tega amatwi maze wugurure amaso yawe kuko igira ishitse ico yasezeranye.
Tora Bibiliya Yera kugira ngo uteramire kuri iyo mirongo ni ho Mpwemu Yera agusanga akwigishirizeho
Yosuwa 4:1-21; Matayo 11:25 na Luka 18:27.
Umwami n’Umukiza Yesu Kristo tumwamamaze!