Jean Bosco ariko arasemerera ngo abantu bihane bezwe.

ABAKOZI B’IMANA BAKOMEZA GUSEMERERA AHANTU HOSE BATI NI MWIHANE KUKO ISEZERANO RIRAJE

Mu gihe benshi bidibamiye mu vy’iy’isi hariho abandi bategereje ukugaruka kw’Umwami Yesu kuza kwima ingoma mu gihugu cacu.
Kubera yuko abanyamadini n’abanyamashengero basutse urusinziriza mu bantu bakababuza inzira yo kuja mw’ijuru, Uhoraho Imana yihagurukirije abahizi baja gusemerera hirya no hino mu gihugu. Abo ni mwababona muze mubahe indaro, muze mubahe amazi yo kunywa kandi muteko mubatekerere.
Batumwe igikorwa co gusemerera ngo abantu bose bumve ubutumwa bgiza bgo kwizera, kwihana , ukwezwa kubatizwa no kwuzuzwa Mpwemu Yera. Uwuzozana ubutumwa bunyuranye n’ubgo ntazoba yarungitswe n’Imana Ihoraho.
Aho Jean Bosco Barakamfitiye yariko arasemerera mu ntara ya Bujumbura kw’isoko mu Kanyosha.