Umubatizo:Impundu n’amashimwe kubera beneData

IHANGA RYERA RY’IMANA TWAMA DUFISE IMPUNDU N’AMASHIMWE KUBERA ABAKIRA YESU KRISTO TUGAFATANYA URUGENDO RUJA MW’IJURU.

« Uhoraho, ijambo ryawe ni itara ry’ibirenge vyanje . Ni umuco umurikira mu nzira yanje» [Zaburi 119:105]
Ivyo Uhoraho Imana yatubariye biguma bishika kimwe ku kindi ivyo navyo bikadutera umunezero mwinshi. Ivyo navyo bikaba ari ibiranga:

  • Urugendo rugana Uburundi bg’Isezerano.
  • Ukwaguka kw’Ihanga Ryera ry’Imana abantu benshi bizera bakabatizwa bakezwa.
  • Ugutwara umuvyuro n’ikanguro muma Hanga aho tugiye gutwara ubutumwa buhindura amahanga.
  • Uhoraho Imana ikomeza kutwibira amabanga ahambaye y’ibigiye gushika kimwe ku kindi. Mwitegure kwakira intsinzi.
    Mwitegura gute? Ni ukwizera, ukwihana, ukubatizwa, ukwezwa, ukwuzuzwa Mpwemu Yera, ugusenga no gukorera Uhoraho Imana yacu.
    Uyu munsi ni impundu n’amashimwe kuri beneData babatijwe mu gisagara ca bujumbura.