Turateramye kandi duteramiye ico twabariwe n’Uhoraho.

MWIFATANYE N’IHANGA RYERA RY’IMANA GUTERAMIRA AMASEZERANO.
Igihe cose twama dufise amasengesho akurakuranwa ku bicaniro bitandukanye vy’Ihanga Ryera ry’Imana. Uko imindi igira indwi ingana, ijoro n’umurango haba hariho abera bari kubicanoro bariko barahimbaza Imana, batazira kandi basenga. Muvy’ukuri ni icirore canke igitutu c’ivyo tuzobandaniriza mw’ijuru.
Uhoraho Imana aratishimira kandi akururuka akaza kuganira natwe amabanga ahambaye kandi akatwigisha. Ivyo tubacira agace kw’iradiyo y’Abera ni ukubatsiysurira.
Ivyo bikorwa bihambaye bituma satani ajingitwa,abadayimoni bakadedemba.
Naho biri uko benshi barabohoka n’ingwara zigakira amashimwe akaba menshi.
Urashobora kwifatanya n’Abera bose muri iki gikorwa co guteramira amasezerano. Abatarihana ni bihane bezwe ntihagire uwibaza yuko yarenganye, ari kabizi canke ari umwigisha. Twese duce bugufi twigishwe n’Uhoraho Imana mw’izina rya Yesu Kristo uwuje gushitsa amasezerano ku gihugu cacu c’Uburundi n’ahandi kw’isi muri iyo ndwi. Amen!