





Uwo yiyita Umwami ni Muhimpundu Lambert akaba yafashwe mw’ijoro ryo kuri uwu wa kabiri rishira uwa gatatu, ku mutumba #Karonke zone #Minago komine n’intara ya #Rumonge. Ivyo bikaba vyabye inyuma yaho kuri uwu w’Imana Lambert yari yimitswe n’abayoboke biwe kugira ababere Umwami
Muhimpundu Lambert ntabwo yafashwe wenyene, yafatanywe n’Abayoboke biwe 19 bariko barasenga. Muri abo, harimwo abagabo cumi na batandatu, abigeme babiri hamwe n’umukenyezi umwe yibungenze kandi afise umwana w’umucuko.
Abo bayoboke ba Muhimpundu Lambert bafatanywe n’ibindi bikoresho bigizwe ; n’Ibimito vyo kwirarira, Ingoma, amakanzu bambara bariko barasenga hamwe n’Intebe ya Lambert yiyita umwami yahora yicaramwo.
Elie Rusoya umukuru wa zone Minago arahumuriza abarongoye ko botekana kuko mu #Burundi ata ntwaro ya cami ikihari, ahubwo abahamagarira ko boza baramenyesha abajejwe intwaro ahari amasengero yivyaduka kuko ari muyatuma azana umutekano muke.
Abazi neza bwvuga yuko Muhimpundu Lambert Muhimpundu avuka ku mutumba Ramba komine Kabezi yabaye uwasubijwe mu buzima busanzwe wa FNL inyuma ya 2010 bigenze ukovyagenze biramwanka atangura gukorana n’iperereza, kamunaniye aca ahungira muri Uganda aca atangura rero kuvuga ivyo yita ubutumwa bw’ijambo ry’Imana; yihindura amazina, arwanya ubutegetsi, arwanya na Yesu Kristo aca ataniyimika incuro zitatu agumura n’abantu none agira atururire mu buroko. Amaze usuka abantu bagatabga mu mvuto mu ntata ya Rutana, mu gisagara ca Bujumbura, mu ntara ya Gitega n’abo b’uyu munsi igenekerezo rya 31/08/2022 mu ntara ya Rumonge.