UBUTUMWA BG’IHUMURE KU MURUNDI WESE “URUGENDO RWO MUBUGARAGWA RUGIRA RURANGIRE TWINJIRE MU BURUNDI BG’ISEZERANO”
Ndi n’iteka n’akanyamuneza nta ngere ko kuba nashize ku mugaragaro igitabu nasohoye kigira icumi na kabiri. Ico gitabu kibaye igitabu ca gatatu canditswe mu rurimi kavukire rw’Ikirundi. Burya Ikirundi ni ururimi ruryoshe kuvuga no kwandika iyo warukunze. Erega ni ururimi ruvugika neza nk’indimi zitamenyekana zivugwa musi y’ijuru rukongera rugasomeka nk’uko abahinga b’indongoramvugo mpuzamakungu bashushanya indimi zabo. Ikirundi ni ciza cane. Wubaka amungane ukoresha n’utumenyetso nk’uko babikora mu zindi ndimi, ugaheza ugaserura iciyumviro cawe ukuri kwamye. Ikirundi kiraryoshe no kwiga kugisoma sinokubesha!
Nahereye kera numviriza indirimbo z’Imana n’izindi zisanzwe nkongera ngasoma igitabu c’Ivyanditswe Vyera. Hejuru y’ivyo, naraheza nkumviriza n’amayagwa y’Ikirundi mugabo kandi naripfuza kwumva n’ijwi ry’Imana mu Kirundi cacu. Erega ntivyatevye! Bukeye kabiri naciye numva ijwi rya Rugiravyose rimbarira riti: « Ndakunda igihugu c’Uburundi n’Ihanga ry’Abarundi.». Uko ni ko namenye yuko Abarundi ari ubgoko bg’Imana kandi yuko bari mu rugendo rugana Uburundi bg’Isezerano. N’uko rero bakunzi bahire igitabu canje cambere canditswe mu rurimi rw’Ikirundi nacise « ABARUNDI IHANGA RYATORANIJWE N’IMANA ». Ikigira kabiri na co nacise « URUGENDO RUGANA UBURUNDI BG’ISEZERANO ».
Ubu na ho naduze imisozi miremire nja kurondera ya Mana yanyagiye ca gihe mu mwaka w’1995 ndi mu mpatane z’imbobane. Narondera rya jwi ry’ihumure kuko ubgoko bg’Imana burushe. Yahavuye imbarira iti: « Ni aho igihugu canyu ari co canyuma mu biharuro vyerekana ibihugu bikenye kw’isi, ni aho kigoyi kibica bigacika, ubukene na bgo bugatema bugatongora; ndaje kubatabara. Ni aho abatware n’abaganwa banyu benshi barangwa n’ubunyoni, ugukoresha nkunzi ibiturire n’akarenganyo, ntimwiganyire. Ni aho imico n’imigenzo myiza y’Ikirundi biriko biratiturwa mbere n’akanovera k’indero y’urwaruka ari rwo Burundi bg’ejo vyataye agaciro, sinabahevye. Ndazi yuko igihugu canyu gifise impfuvyi n’abapfakazi benshi, gifise n’impunzi n’imbohe umuyoro. Ndaje kubatabara. Ivyo vyose bitera imyikomo, kurabana nk’imbga n’akagomba, ubgicanyi, ukwangazanya n’ayandi mabi asa n’ayo. Amarira yawe narayumvise. Genda ubabarire yuko birangiye kuko Uburundi bugire bucike igihugu gitemba amata n’ubuki.» Imana iraje kuroranya ibintu.
Mwumva ga yemwe iryo ganuke nari kuryigumizamwo! Tugira twambukire mu Burundi bg’Isezerano, nimugumye imitima. Ni co gituma iki gitabu, ic’icumi na kabiri nsohoye n’ica gatatu c’ikirundi, nacise « URUGENDO RWO MU BUGARARWA RUGIRA RURANGIRE ». Nacise ukwo kuko ni ijambo ry’ihumure nahawe na Nyenijambo. Ryashingirwa intahe n’abavugishwa benshi ryongera riherekezwa n’ibimenyetso vy’ibihe bigaragara abantu babonesha amaso yabo. Iryo jambo risongoye gusumba inkota kuko rirasogota, rigacumita. Rirakarishe gushika n’aho ritanya igufa n’umusokoro. [Abaheburayo 4:12] Riranyengetera gushika naho ritandukanya impwemu n’ubugingo vy’umuntu, rikanasuzuma ivyiyumviro n’imigabo y’umutima wiwe. Rirakiza kandi rikica nk’uko risomora imitima yakomowe n’ikiryanyi c’ubumara.
Ivyo numva kandi neretswe na Nyeningabo nka vyose vyarashitse kandi na bike bitarashika ng’ivyo bigiye gushika kuko ndumva imirindi yo gutabarwa, ivyemezo birahari. Uwibaza yuko vyoba ari ivyiyumviro canke indoto ahubgo ni we agisinziriye. Niyagirirwa ubuntu azokwikangura twamaze kubishikamwo. Rero abo baryana nimubareke baryane; n’abo bicana ni mubareke bicane. Ni uko batazi yuko akaryoshe kari imbere. Hari n’aho ari bo bababereye intambamyi ibabuza kwishikira mu gihugu c’Isezerano. None ko twabahanuye bakanka tubagire dute ko Abarundi bayamaze bati: « Uwutema urwiwe umutiza umuhoro ». Bakongera bati: « Nta wuhomera iyiyonka! ».
Erega tumaze imyaka irenga indwi twegeranya mu kwandika ivyo ijuru ritangariza Abarundi ku gihugu cabo ribicishije mu bavugishwa ariko benshi babiteye umugongo. Nka ko, na twebge twabanje kugira amakenka gushika n’aho twarinze gusaba Uhoraho Imana ibimenyetso vyerekana yuko ivyo tubarirwa n’ivyo twerekwa atari ivyipfuzo n’amarangamutima yacu. Ku kuvugisha ukuri, vyari bimeze nk’indoto no kuri twebge. Ivyo bimenyetso twarabihawe bitako birashitswa kimwe ku kindi kugira ngo twemezwe yuko iryo jambo ry’ukuri kandi yuko natwe ata nyuguti n’imwe twokurako.
Unashima mbere, ivyo Imana yaduhaye ari ukuri yaratweretse n’ingene Ihanga ry’Abarundi rizoba ritunganijwe muri ico gihe, amabgirizwa azorigenga n’ibimenyetso bizoriranga. Ivyo vyose birasiguye neza muri iki gitabu c’impapuro 375. Uhoraho ashikije kimwe umuvugishwa Yesaya yavuga ati: « Ehe ngira nkore ikintu gisha: Ko kigira giseruke ubu ntimuzokimenya? Nzoca inzira no mu bugaragwa, ntembeshe inzuzi ahagadutse kugira ngo nyweshe abantu banje, bamwe natoranije, abantu niremeye ngo bamenyekanishe ishimwe ryanje. » [YESAYA 43:19-21]. Imvugo y’Imana iratomoye cane kandi irimwo n’ubgenge bginshi bigatuma hari igihe usanga ihinyitse. Ariko rero mu ncamake, Ihanga ryose ry’Abarundi rititayeho ubgoko n’imiryango, amadini n’amashengero, imigambge n’imihari; ni ryitegurire kurya ku vyeze, gutsindagira ibigega no kugaburira amahanga.
Erega Nyeninganji aje kubohora imishaha yugaranywe n’ibihindizo vy’abiyitirira Imana kandi ari amabingira. Aje gukenyurura inkindi z’abangushi bama mu birori bazinutswe ukuri. Hahiriwe uwuzoshika mu Burundi bg’isezerano wese. Menyesha abarira bose bihanagure kandi mwirure abatuntujwe n’ibibi bikorerwa muri iki gihugu kuko ugutabarwa kurabonetse. Igere hejuru, mutambe mutarike, muvune ihunja muvune isambwe. Ni igitabu kirimwo ubutumwa bg’ihumure kuko inyuma y’imituragaro, imihuhu, imvura n’ubunyerere haza ibihe vyiza. Inyuma y’amarira n’amaganya hagiye umunezero n’agatwengo.