Intumbero yacu ni ukugororoka kugira ngo tuzoshike mu bgami bg’Uhoraho Imana.

NTI MUBE MU BANTU BITIRANYA IVYANDITSWE VYERA N’IMIGIRWA Y’IGIPAGANI.

Hariho abibaza yuko Bibiliya yamuka i Roma abandi bakibaza yuko yamuka muri Etiyopiya canke muri Egiputa. Bibiliya ni ijambo risigura igitabo. Ico gitabo cahumetswe n’Uhoraho Imana.
Imana ikoresha abantu ibanza gucisha muri vyinshi. Uretse Yosefu na Daniyeli babanje guca mumakuba menshi hanyuma Imana ikabagira abaganza, yabanje gutuma Mose akurira mu kirimba kwa Farawo kugira ngo izomutume kuja kurekira Ihanga ry’Imana ryari ryagizwe inyagano muri Egiputa. Intumwa Pawulo yabanje gukoreshwa kubi n’ubgami bushingiye ku vyagezwe n’imigenzo y’Abayuda gushika naho ahama ishengero kugira ngo Imana imukoreshe mu kurikomeza, kuritsimbataza no kuriha intumbero y’ukuri y’Umwami wacu Yesu Kristo.
Kunyerera ni akantu gatoya gatuma umuntu ashobora kuva mugakiza akarwa mu vyipfuzo vyiwe. Kandi nkuko mubibonye Imana ikunze gukoresha abaciye mu bikomeye kugira ngo yugurure amaso y’abo yatoranije. Ivyo wumva, ivyo ubona n’ivyo uriko uracamwo uyu munsi nivyo Uhoraho Imana igiye gukoresha kugira ngo uze ushingire intahe ukuri udatinya. Wame wibuka yuko intumbero nyamukuru dufise ari ukuragwa ubgami bg’ijuru kubgo agakiza kabonerwa mu maraso ya Yesu Kristo. Ibindi vy’amasezerano ya hano kw’isi ni inyongera kubgo ubuntu bg’Imana. Amen!

Votre commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l’aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l’aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l’aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s