


ABIZERA IMANA NI MUREKE KWEMERA IBINYOMA VYA SATANI KUKO NI UGUKORA IVYAHA MU BINDI.
Uhoraho aguma aburira abiwe ngo bareke kwemeranya n’amajambo yo ku mbuga ngurukanamajambo ahubgo nyabuna bagendere kuco yavuganye nabo canditswe muri Bibiliya Yera n’ico Mpwemu Yera ahishura. Imana igira iti abantu banje bishwe n’ukutamenya. [Hoseya 4:6]
Ikibabaje n’uko hari n’abakozi b’Imana bariko barakwiragiza amasanamu (Videos) y’abakuru b’ibihugu ngo batangaje intambara y’ubumara bgo kurimbura isi.
Ivyo bihuha birandura umutima abizera benshi bigatuma basenga ukutariko mu kinyoma kandi bakazorangiriza kurwa kuko baba bigishijwe ibitarivyo. Abariko barakwiragiza ico kinyoma ca satani ni babihagarike, bihane. Ayo majambo bavuga ngo yashikirijwe ntiyigeze abaho. Ikinyoma c’bikwiragizwa gihagaze aha:
- Video ngo ya Joe Biden umukuru w’igihugu ca Amerika. Ubgambere ijwi bakoresheje si rwiwe ni irya Obama yasubiriye kandi ntiyariko aravuga ivyo intambara ya Ukraine n’Uburusiya. Uyo munyarwanda ariko aravuga ivyo yikuriye mu mutwe wiwe.
- Videoy’umukuruw’igihugucaKoreyayaruguru.Amajamboavugwamugikoreyanta sano afitaniye nayo yavuzwe mu rurimi rw’ikinyarwanda. Uwo mu nyarwanda ariko arahuruza ntihagire uwuja ku mateshwa avuze.
- Video Putine umukuru w’igihugu c’Uburusiya ngo ariko arishura ivyo Joe Biden umukuru w’igihugu ca amerika yavuze, ni ikinyoma cambaye ubusa. Yabikuye mu ntumbero yayo yivugira mu kinyarwanda ivyiwe yigeneye.
Uwukora ayo ma video ariko arabesha abantu. Ashobora kuba afise intumbero yo kwironderera abanywanyi benshi ku rubuga rwiwe kandi akongerako guhungabanisha ibinyoma imitima ya benshi. Turazi yuko benshi barindiriye ibimenyetso vyavuzwe vyerekana umuhero w’isi, ariko ni mutekane. [Matayo 24 :4-51] Ntihagire uwizera Yesu Kristo n’umwe aja kuri ivyo binyoma. Igihe kigeze umwe wese azobimenya kuko umugeni azoba atashe.
SiteWeb:www.abisezerano.com Email:abisezerano@gmail.com