
ITANGAZO RY’IY’INDWI KUVA KUWA 23 GUSHIKA KUWA 29/10/2022: AMASENGESHO Y’AGATONDO NO KUMUGOROBA
Ishengero rya Yesu Kristo Ihanga Ryera ry’Imana riramenyeshejwe aho riri hose mu gihugu no mu mahanga muri AFRICA, CANADA, AMERIKA, ASIYA, AUSTRALIYA yuko ritumiwe n’ijuru gusenga amasengesho y’urutavanako y’indwi yose yo kuva kur’uyu wa 23 gushika kuwa 29/10/2022.
Aho bishoboka Abera bazohora bazindukira ku gicaniro canke ku rusengero gusenga iyo minsi yose mu gitondo sa kumi na zibiri imbere yuko baja ku mirimo bongere bahurire muri ivyo bibanza isaha cumi n’imwe canke cumi na zibiri bagaca bataha. Ayo masengesho ntazohora arenza isaha imwe yo kwiherana n’Uhoraho Imana mu gutazira no gusenga.
Aho bidashoboka yuko abantu bakoranira hamwe ngo basenge, umuntu wese yibuke rwa rutonde twahawe rw’igicaniro ngendanwa, no gusenga uko amasaha atatu arangiye kugira ngo twese tugume ku mugozi w’amasengesho.
Ijuru ribatangariza ibi bikurikira:
- Abanyamadezerano mwese mumenye yuko mwinjiye mu minsi yo gukora ibitangaza kw’Uhoraho Imana. Igihe canyu ni iki.
- Ihanga Ryera ry’Imana mugiye kwibonera kwa kuboko kw’inkomezi kw’Uhora Imana.
- Ni mutangure gushima Uhoraho Imana yuko igiye kubashitsako amasezerano yose y’imigisha yabasezeranire.
Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo yamamare, Amen!