Ivyaha 10 bituma Abera baba ibiburirane.

TUBANDANYE GUSENGA DUKOBEJE KANDI TWEJEJWE KUKO TUGIRA DUSHEKE KU MASEZERANO.

Ijambo ukwezwa rirakunda kuyobera abantu batari bake kuko iyo umuntu yubaha ivyagezwe icumi Uhoraho yahaye Ihanga ryiwe igihe ca Mose bibaza yuko baba bakwije vyose.
Ikibazo gihambaye abantu twihendako n’uko hambavu y’ivyo vyagezwe icumi dufise ayandi mabgirizwa icumi nyene umuntu wese ategerezwa kwinengesera kugira ngo abe uwejejwe. Kugira ngo Uhoraho Imana agushitse ku masezerano yawe utegerezwa ku musenga wejejwe. Ngivyo rero ivyaha icumi bibuza abizera kugororokera Uhoraho Imana bigatuma baguma bayerera mu bugaragwa ntibambuke Yorodani. Mubisome kuri ico canditse, mwihane kugira ngo Imana Isumba Vyose yumve ugusenga kwayu. Woba hari ikibazo ufise? Twandikire mu mbari duheze dutange insiguro zihagije. Uhejeje kubona aho utsindwa ukihana, uheze utumbereze isengesho ryawe kuri bimwe wasezeraniwe kugira ngo amasengesho yacu twese anyiganyize ibisika vy’Iyeriko.

IVYAHA 10 BITWARA ABERA MURI GIHONOMU

  1. Kutumvira ijwi rya Mpwemu Yera [Abaroma 8:14]
  2. Kudahanurwa no kutumvira uburongozi [Abaroma 13:1]
  3. Kutavugisha ukuri no gukoresha uburyarya [Abayefeso 4:2]
  4. Gushavura rikakurengerako [Abayefeso 4:2]
  5. Kudatunganya na mugenzi wawe [Matayo 5:23-26]
  6. Kutiyeza mu mutima, mu ngeso no mu mubiri [1 Abitesalonike 5:23]
  7. Kutagirira abanda ivyo twipfuza ko botugirira [Luka 6 :31-36]
  8. Kuronderera itunga n’ivyubahiro mu gukorera Imana [Matayo 10 :8]
  9. Kutagirira imbabazi abandi no kubavuga nabi [Abayefeso 4 :30-32]
  10. Kwita Data mu mpwemu umuntu w’inyama n’amaraso [Matayo 23 :9-12]


Umwami n’Umucunguzi wacu Yesu Kristo ni yamamare, Amen!