Adolph Ntibasharira ati ukora iciza ukagisanga imbere.

“Kuvyiza ukora uze wongereko agakiza uhererwa ubuntu na Yesu Kristo”

👴🏽 Nitwa Adolphe Ntibasharira. Nkina amasinema. Ni jewe nandika igikino « Murikira Ukuri ». Ni na jewe natoye amazina y’Abaseruko n’Abarengero

🇧🇮 Kuva kera, namye ngerageza uko bishoboka kwose kurwanya icitwa amacakubiri.

🙅🏽‍♂️ Ubwa mbere na mbere, hari hakiri ubugererwa ku ntwaro ya Bagaza. Data arampamagara ngo nje i Gihinga muri sentare kuvuga ko itongo ririmwo abo twita abagererwa (b’abahutu) ari iryanje data yambikiye. Intahe ishashe, nashize aho adashaka, ndabwira sentare ko abo bantu navutse bahari, ko jewe iryo tongo mbona ko ari iryabo. Data yavuye aho amvuma kugera i Mwaro, wa mupfakazi nawe ampezagira ko ndamurokoye. Ubu abiwe tubanye neza cane 🫂

🎶 Ikindi gihe, hari mu 1978, aho nashika mu bushikiranganji bw’urwaruka n’imico kama. Nashitseyo kubera igikino canje nanditse, “Uwapfuye ntaco yabonye” cari gihejeje kuba ica mbere ku rwego rw’igihugu. Ni uko baca barangomwa bampa gutwara igisata c’imvyino kama (Chef de Service Folklore National). Ico gihe, hari ukwinubana hagati y’abanyakaranga natwara. Abahutu bavuza amakembe, abatutsi bakavuga ibicuba, amazina n’inanga, abatwa nabo bakavuza imiduri. Igiteramo giheze, abatwa banywera ukwabo kuko abandi babanena.

😃 Ico nakoze, umusi umwe, twagize umusi mukuru mu nyuma tugenda mu gatutu ahitwa kuri Paguidas. Ndahashitse natanze itegeko nti : “Ubu rero, mwese muranywa ariko muhanahana icupa rimwe hanyuma mukure ivyo kwinubana ng’aha. Mwebwe muvugije ivyuma vyanyu havukamwo ivyiza, ubuki bw’amatwi, wohora urumviriza, hanyuma mwinubane ? Kurya umuziki uryoha muri kumwe, niko n’igihugu kidukeneye twese mu butandukane bwacu” 🧏🏼‍♂️

🤜🏼🤛🏾 Mvuye aho, kuva mu 1981-1991, naciye ngenwa kuba musitanteri, nikurikiranya gutwara Jene (ubu yitwa Kabarore), Gahombo na Matongo. Muri ayo mabanga sinorohewe. Hari icuka kibi ngo aba Palipehutu bazotera, nanje nagerageza kuguma namama ndwanya ko abanyagihugu bacanamwo. Ni uko naratunganije urukino rwa Volley ball i Bandaga hakina abahutu n’abatutsi. Buramatari avyumvise yarumiwe arankeza ko ndi umugabo 👏🏼

🛌🏻 Ndibuka mu nama rukokoma (congrès extra-ordinaire) yabereye i Gatara, ni je naryamika abantu mu buraro bw’ishure. Nafata umuhutu nkamuryamikana n’umututsi bakurikirana, nkababwira nti uja kurwara ngo ni uko yararanye n’uwo badasangiye ubwoko aje kuza ndamuvuze.

👮🏽 Ndi muri ayo mabanga nyene, kubera ko abantanguriye batanga ubuzi ku bwoko kandi bagaha abatama ngo ni bo bazi kurarira, ndiko ndinjiza abapolisi bakorera komine naciye mpindura umukenyuro. Nashaka abantu babangutse, umwe umutumye umusuma amufata. Ntaravye ubwoko, natumiye zina musore wese. Abatoye ikibazo bararonse akazi hatisunzwe ubwoko.

⏪ Mu 1993, inyuma y’aho abanyeshure batuririwe kw’ibubu mu Kibimba, hari abatutsi bari baje kwica ba bagererwa tubana. Naciye nja kubwira ba babanyi bazana ibintu vyabo vyose iwanje, mu nyuma duca turara irondo hamwe. Nko mu gicugu niho twaja tubona amatoroshi baza, nca ndasohoka ndasemerera mvuga nti : « Uwukomereka canke uwupfa ntimumbaze. » Aho nta n’inkoni nagira. Nja numva ngo : « Turagiye ariko abo ubitse ntuzi ko ubitse ikara mu gashambara. » Mba mbujije ibara kugwa.

🤷🏽‍♂️ Mu bikorwa vyose nakoze no mu nyifato nagiye ndagira zobera akarorero abandi, sinorohewe na gato. Ariko jeho nahakuye ivyiza vyinshi kuko ba bagererwa natabara ubu ni bo bandabira itongo ry’umuryango, igitoke ceze baragica bakangemurira, inka ni bo baziragira kandi ni bo bazikama, abana babo ni jewe ndabasohora iyo bubatse izabo. Twarabaye umuryango umwe.

Imana ikuje imbere.