
Imana yo mw’ijuru,
Jewe ubwanwa burafuka umunwa iyo numvise ko iyo nyifato yo mu mashure mu Burundi nubu itarahinduka.
Ingorane ziri kubiri.
Iyambere ni ugutanga amanota make (50% umunyeshule aba atomboye). Biragufiriza cane abanyeshure bashaka kubandanya amashule mu bindi bihugu. Biraha isura mbi igihugu.
Iyakabiri ni ukuyobeza. Ugasanga umwigisha ngo yamenyesheje abanyeshule 50% canke bari munsi. Abayobozi bakanuma, ubushikiranganji bukanuma, abavyeyi bakanuma🤷🏾.
Hagahava haza ivyo gusigara. Hari umukobwa twigana yasigaye gatandatu imbere yo gutora ikibazo c’uwa 6🥱Ikibabaje gose, ntiyavuka no muri ako karere. Nukuvuga ko Leta yahomvye, abavyeyi n’umunyeshule ukwo nyene, TUTIBAGIYE ABANA 5 Babuze amahirwe yo kwiga kubera uwo mukobwa yagariye kuri iyo ntebe🤷🏾.
Ivyo vyose mvuze biba kuva mw’ishure shingiro gushika muri kaminuza.
Ariko hari AKAMARAMAZA muri kaminuza, nuko ni kubona umunyeshure ayoberwa kubera icirwa kimwe hama yasubiramwo agasubiramwo n’ivyo yamenye. Yategerezwa gusubiramwo ico yananiwe bakongerako ivyirwa vy’umwaka ukurikira.
Muri make, mu BDI turakwiye guhindura ingendo tugasaba umwigisha ko yogerageza abo yigisha bose bakamenya.
RN Niba Leta ikoresha BIF imiriyaridi ku mwaka mu ndero, iyo hamenye abanyeshure 60% bisigura ko BIF miliyoni 600 zabaye impfagusa.
Niko ndavyibaza ariko nshobora kwihenda kuko sindi umuhinga. » ukuri n’uko ubutegetsi bgacu butaratahuri imizi y’ingorane bufise.