Mumenye yuko dufise ubgenge bgo mw’ijuru twongera ku bgenge bgo mw’isi.

MWIGIRE KU MYIBUTSA Y’IKIRUNDI KUGIRA NGO MWIGE KWIBANGA KURIJAJARA NO KWAMANA AMAKENGA NK’ABANA B’IMANA
[Matayo 10:16-18]

IMYIBUTSA Y’IKIRUNDI:
1.Agasozi kabaye indahiro ntikaba indagiro.
2.Agakono katetse uburozi ntikozwa umusi umwe.
3.Uwuhenzwe n’agahengwe acana inkinzo.
4.Ugwangara rw’umwungere ruhaza imfyisi.
5.Ikigutwaye umutima ni co kigutwara agatwe.
6.Iyigendana na nyina ntibura aho iyonkera.
7.Inkware y’ikijuju itebura n’umuhigi.
8.Impfizi y’icayaye irisha ku macuniro.
9.Akavyino k’igisiga gakebura inkoko.
10.Imende yarihuse ihusha umwobo.
11.Ugaburira intahaga igahaga ikumize.
12.Ibihengeri muruhongore bitera imfyisi amero.
13.inkumi itazi ikizoba itwenga intama iriko iravyara
14.uhambara cane ugahambwa kare
15 umusozi wanyereye ntiwuma
16 wibagira icakwirukangije ugaha indaro imfyisi mu ntama.

17.Igikona Cumvira Umunyu mu mbeba
18.Imfyisi Ihera Amenyo ntihera Amero

  1. Akana k’ubwenge kumvira Mu nduru
    20.Mu gihe c’umuyaga ni ho umenya amababi yari afashe ku giti.
  2. Agatu gatekeye amahwa karimena
    22.igikumi kikubenze ugitega riguye
  3. Uwimizimu itaracira musi y’urugo yigira ngo azi guterekera
    24.Akana k’ubwenge rirenga kaneye rimwe
    25.Inzoka yinjiye mu Mubindii Baramenana
    26.Umuti w’umusazi n’ubuhiri
    27.Inkoko muguhona zicudika hamw nibisiga
    28.uwutazi ikizira yamura ikizinu camereye mumbari
  4. Ingoma yagukanze irahuhuma ugahunga
  5. Umuco uva ibukuru ugashwara hose.
  6. Igiti gishashaye kwama cubaha imizi
  7. Ntarataze wa ntarataze yaburanye ruvyironza ngo numwaba wase
  8. Akabande kabaye imanga ntikaba indagiro
    34.agasaho katekeye itabi ntigahera imvunji
  9. Ubwato bwitangiye imbere bukira umukuba
    36.Igiti kirakurira mubabaji kinaga banaga, banaga kinaga

Imana ibahe ubgenge bgo kugendana n’abatizera, kugendana n’abigira abakunzi b’Imana kandi ari indyadya hamwe no kumenya uko wifata nk’Umu-Kristo kuko twarungitswe gukorera mu mabingira ngo tugendane ubgenge n’amakenga nk’inzoka Matayo 10:16-18.