
WAME UZIRIKANA IJAMBO RY’IMANA WIRINDA KURISUKIRANYA N’IVYIYUMVIRO VY’ABANTU
Abantu b’ubu bakubarira yuko bakorera Imana mugabo bakiganzwa na kameremere kabo batahindutse vy’ukuri ngo bacike abana b’Isumba vyose. Ivyo bigatuma hariho abibaza yuko gukizwa no kudakizwa arico kimwe.
Imigenzo mibi iri mu bantu badakijijwe unayisanga mu madini no mashengero, ukayisanga mu mitima y’abantu bitirirwa kukorera Imana bigatuma bose bama mu marira n’amaganya; igihugu kikama muruhagarara kuko imigisha ihaca irengana abanyakibi akaba aribo bayisahuranwa.
Abera b’Imana, Ishengero rya Yesu Kristo ritegerezwa kwerekana ubudasa mu kwezwa no gukizwa neza kugira ngo babe Ihanga Ryera ry’Imana koko.
Kugira ngo abahisemwo inzira yo kuba abana b’Imana ntibase n’abandi bategerezwa guhinduka batigana abakizwa b’ibi bihe mugabo bagera ikirenge muca Yesu Kristo. Kugira ngo umuntu abishobore ategerezwa kwama yihererana n’Imana mu gusenga iminsi yose, asoma ijambo ry’Imana kandi arishira mu ngiro.
Twese duhinduke kugira ngo tube abagororotsi kuko gutungana biratandukanye n’uburyarya.
Umwami Yesu yamamare!