
UMUNTU WESE AZI YUKO ATWAYE AGAKIZA YIYUBARE CANE KUKO SATANI NTAWE AGERA UMUTWE.
Uwibaza yuko ahagaze yiyubare cane kuko satani yagazwe. [1Abikorinto 10:12-13]. Kuvyerekeye ibigeragezo tumenye yuko atacotugerageza kiza kirengeye ukwihangana kwacu.
Naho satani yakororewe ikuzimu mwibuke yuko yama ariko ariha inkumbi hano kw’isi no mu kirere ngaho hejuru akoresheje imyuka y’abadayimoni. [Abayefeso 6:12]
Satani atageze umutwe Umwami wacu Yesu Kristo, akaja kumugerageza kandi azi yuko ari Imana yihinduye umuntu bitayeko yaramaze iminsi 40 mu bugaragwa atarya atanywa ariko arasenga gusa. [Matayo 4:1-11] Satani arashir’isoni, arenyaguza kandi arubahuka.
N’uyu munsi ni wa wundi, ububisha ni bga bundi satani nawe ntahindura ubugambanyi.
- Muri Édéni yihinduye inzoka kugira ngo asuke umwana w’umuntu mu caha kandi yarabikoze biramushobokera. [Itanguriro 3:4] none gushika n’ubu umuvumo uracari mw’isi.
- Mu bugaragwa yihinduye impwemu y’ubgenge maze asuka Kora, Datani na Abiramu maze abo bose bapfa rubi n’imiryango yabo isi irabamira uko ari 250 kuko bagararije intumwa y’Imana Mose [Guharura 16:1-40]
- Yagiye ariha inkumbi mu bihe bitandukanye mw’Ihanga ry’Imana no muyandi mahanga nk’igihe c’isodoma na Gomora, igihe ca Nowa, i Niniwe, igihe ca Naniya na Safira n’ibindi bihe.
- N’uyu munsi satani ahagurutsa ikivume. No mu Burundi biriho vyemera kurogota ku Mana ngo « YESU KRISTO NI… » ijambo ntashobora kwubahuka kwandika kuko umutima utonkundira.
Ijambo ry’Imana ryanditse muri Bibiliya Yera riratubarira ivyo ikivume:[1Abikorinto 12:3] « Kuko nta n’umwe yovuga yuko Kristo ari umukiza atabivugishikwe na Mpwemu w’Imana kandi ntawovuga ngo Kristo n’ikivume atari impwemu ihumanye yo nyene ». Ico kivume kiri mw’ihanga ry’Abarundi n’iyo kiri mw’ibohero rikuru kirubahuka kikazimiza abantu mukwikwegerako abahumye amaso nabo bagakubagurwa n’iyo mpwemu ya satani yo kwama irwanya Imana n’abana bayo. Mwibuke gusengera abameze batyo.
UHAGAZE YIYUBARE NTAGWE MURI KAMEREMERE KIWE CANKE NGO ATWARWE N’IZO MPWEMU ZIYERERA MU GIHUGU CACU.
Umwami Yesu yamamare!