
🔴 « Bambika ubusa abakenyezi bakaca babatera ubwoba kugira babibe amahera ».
Intahe y’umwe mu banyororo mu Burundi.
Inyuma y’inkuru twabahaye y’abasuma biba abantu baciye ku mbuga ngurukanabumenyi, bakiyita amazina y’abategetsi n’abandi bazwi, hari umunyororo yatwandikiye kugira aduhe intahe y’ivyo azi uko bikorwa. Uyu muntu yemeza ko ubwo busuma bukorwa canecane n’abanyororo mu mabohero akomakomeye, ko bakarira cane abakenyezi n’abigeme, kandi ko babikorana ari abantu benshi (en réseau).
🔴 Ubusuma bukorwa n’abanyororo
« Amahoro. Ku nkuru y’ubusuma bubera ku matelefone hamwe n’abiyitirira abantu, nagira ndabahe umuco. Vy’ukuri ababikora bari mu mabohero makurumakuru (prison centrale), birateye isoni. Bariba amahera kugera ku kanyuma. Jewe nanje ndapfunzwe kandi simbona icokorwa co kubihagarika atari kubimenyesha abantu benshi bashoboka. Canecane haribwa abakobwa n’abamama kandi ku rugero runini cane.
Abo basuma bafise ubuhinga bukomeye cane. Bafise amafoto y’imipaka itandukanye, bakaboneka bari mu mamodoka, mu maduka, mu ma company akomeye kugira bemeze abantu ko ivyo vyose ari ivyabo kandi ko bavuga ukuri. Bakoresha amanomero menshi ya telefone. Kuri WhatsApp ubasangana amanomero yo hanze, batuma uwuri hanze akabagurira carte sim, hanyuma bagishira iyo nomero muri WhatsApp, uwo hanze akabarungikira code, bikaba biraheze. Ariko hageze kubarungikira amahera, bakoresha inomero ndundi za ecocash na lumicash.
Hari naho bahenda abantu, canecane abakenyezi, ko bariko babugururira ama comptes mu mabanki ariko babikora ku buryo amahera yose aca aja kuri ecocash na lumicash. Ibanki bakorerako cane ni KCB kubera batiba abarundi gusa, bariba n’abari mu bindi bihugu nka Kenya, Tanzania na Congo. Barakoresha kandi na M-Pesa kugira bibe abari muri Kenya.
Bakorana mu runani rukomeye cane. Umwe arakubwira ko arungitse amahera, uwundi akigira umukozi wa banki, canke uwundi akigira umushoferi. Umwe arigira Olivier Buyoya, uwundi akigira uwo bakorana mu bushikiranganji bw’imigenderanire, umwe arigira Denise Nkurunziza uwundi akigira uwo bakorana ajejwe gukora dosiye y’abarondera akazi, umwe arigira Angeline Ndayubaha uwundi akigira uwujejwe kurungika imfashanyo no kwakira amahera ya dosiye, umwe arigira uwuriko atanga akazi muri Zambia uwundi akaba uwakira amahera y’abashaka kuja gukorayo, gutyo gutyo. Ikibanza cose bakubwiye baba bafise amafoto y’umuntu agihagazemwo.
Barashoboye kwigira abakozi ba Leta bo mu bisata bitandukanye, ugasanga ni abakozi ba OBR, abakozi ba PAFE, ni abapolisi, ni ba porokirere, ni ba buramatari, ni abakozi bo mu biro vy’Umukuru w’igihugu, kandi bagashobora no gutanga impapuro zijanye n’ubwo buzi bavuga. »
🔴 Abakenyezi barabangamiwe cane.
« Umurwi ubangamiwe cane ni abigeme n’abamama. Aha wohimiriza abakobwa babona abasore babasaba ubugenzi kuri Facebook, hanyuma bakaca babasaba WhatsApp, bahagabire cane. WhatsApp z’aba basuma usanga ari izo mu bihugu bitandukanye kandi biryamiye mw’ibohero mu Mpimba, i Ngozi, mu Ruyigi, i Gitega, i Muyinga. Umukobwa baramuresha, bakanigira abantu bakijijwe canke bubaha Imana, bakumurungikira amafoto meza y’abagabo batunze, nawe akaja narwo ngo aronse umugabo. Ubucuti buragera kure kugeza aho mupanga imanza zo gukwa n’ubugeni. Bakubonye ufise amahera menshi, nk’uwuri muri Omani canke Arabia Saoudite, baraguteza umutwe wo kugura ikibanza co kwubaka, canke guheraheza inzu yanyu y’ubugeni, baraguhenda bakwugururiza compte muri banki ariko amahera akaja muri telefone zabo. Kubera basanzwe bakorana ari urunani runini, baraguhenda ngo uriko uvugana n’imiryango yabo, bakaguha abo bita abavyeyi n’abavukanyi babo, ukiyumva ukunzwe n’umuryango wose.
Umutego ukomeye abakenyezi n’abigeme barwamwo ni uwo kubarungikira amafoto n’ama vidéo bari gusa. Bashiki bacu barata impuzu, bakarungika ubwambure bwabo, bikarangira bibwe udufaranga twabo. Ivyo umaze kubikora baba bagufise neza kuko n’igihe wobagundura ko bakubeshe baca bagutera ubwoba ko bazoshira ahabona amafoto yawe na video zawe uri amenya. Mbere uwo mukobwa canke uwo mugore arobongera n’ayandi mahera kubera iryo terabwoba, akayabaha asaba n’imbabazi. 90% y’abibwa ni abakenyezi n’abigeme kandi ntibigera babivuga, bapfana isoni kubera ya mafoto n’ama vidéo. Aha mu mabohero hariho abagabo batunze amafoto n’amavideo y’abarundikazi bari gusa batagira uko bangana, ugasanga bariko barazerekana bitwengera. »
Iyo ari abakobwa bari mu Burundi, abasuma babahenda ko ari abarwizatunga bakorera Uganda, Kenya canke Sudani. Barabaresha bakagera aho bategura urubanza rwo gukwa. Aho bababwira ko baje ari batanu, hamwe bakavuga ko banazanye ibidandazwa mu Burundi. Bageze i Kobero baravuga ko imodoka ibapfanye kandi ko ata mafaranga y’amarundi bafise, bagasaba umukobwa kubarungikira amarundi ngo bakoreshe imodoka canke barihe ihoteri, canke barihe douane. Aho hose umukobwa imyiteguro y’urubanza iba igeze kure, amafaranga nayo aba azi ko atari ikibazo bashika bayariha. Amaze kubarungikira bakabona ko ataco asigaranye baca bamubloka ntasubira kubatora. »
« Umutego ukomeye nabonye ugondoza abigeme benshi ni uwo kubarungikira amahera biciye mu kubugururiza compte muri banki. Umukobwa bamuhenda ko bari hanze, canecane muri Kenya, bakamubwira ko baza gucisha muri KCB, ariko ko hakenerwa amahera yo kwuguruza compte. Aho rero haba hariho uwundi yiyise umukozi wa banki ariko arafasha kwugurura compte. Umukobwa bamusaba kurungika kuri lumicash amafaranga yo kwuguruza compte. Bamubwira ngo : genda ku mukozi wa Lumicash, umubwire arungike amahera, ngo minota ibiri tuca tugushirirako amahera kandi aca agushikira. Kenshi bagusaba igiharuro kidahera, nka 45.857, 4467 kugira wizere nyene ko ari ibintu vya banki. Urungitse barashobora kugusaba ayo wongerako ngo compte yugurutse gushika kuri 90% kandi ugasanga abantu baravyemeye. Vyose biheze, ntusubira kubatora. »
🔴 Abakora ivyo bintu mu mabohero barazwi
« Ibi bintu ni ibara, benshi turabibona tukumigwa kubera ataco turi bugire. Ababikora binjiza amafaranga menshi cane ku buryo bataciyumvira n’ugutaha.
Ubu hariho ababishiramwo umutahe, bakagura telefone Android nyinshi baha abakozi babo. Ayo bivye baca bayagabura n’umukozi. Biragera naho bifatanya n’abo bivye bari hanze. Aho kwishura uwo bivye, bakaca bamusaba ko bakorana kugira bibe abandi. Ni akamaramaza. Jewe aho ndi, abo basuma barariha abaserukira abanyororo kugira igikorwa cabo c’ubusuma kibandanye ata nkomanzi. Nukuri simbona ingene ivyo bintu vyoshobora gutuzwa. »
🔴 Impanuro
- Bakenyezi, bigeme, mwirinde rwose abo bantu babasaba amafoto na video muri gusa. Uwo ubihaye ashobora kuzogukoresha ico ashatse imyaka myinshi cane. Uracari muto, mu myaka 20 ushobora kuba umutegetsi akomeye, Ivyo wamuhaye azobigarukana ubure iyo ukwirwa. Nihagera ko wubaka, ntuzi ico azobikoza. Mureke kwizera abo mutazi, mukabaha ivyo mudashobora kugarura.
- Bagenzi, mukanure, nta muntu murazinanye, yimirije kukurondera ngo aguhe akazi n’ingene gakenye, ngo akurungikire ibidandazwa n’ingene ubuhemu bugwiriye muri kino gihe, ngo aguhe visa. Nimureke guhendwa.