

IHANGA RYERA RY’IMANA
UBUHANUZI 20 BGA BEBA GIDIYONI KU BURUNDI
Umuhanuzi BEBA Guidiyoni yari umurundi avuka mu ntara ya Makamaba akaba yari yarahungiye mu gihugu ca Tanzaniya kubera intambara yabaye mu gihugu c’Uburundi mu mwaka wa 1972. Yasengera mw’Ishengero rya Pantecote i GATUMBA muri Tanzaniya mugabo akagenda arashikiriza ubuhanuzi Uhoraho Imana yahora imubgira cane cane aburire Ihanga ry’Abarundi. Hariho abantu benshi bagiye barishimikiza imburi ziwe abandi bakazubakirako kugira ngo batange imburi zabo ku gihugu c’Uburundi. Aha mwokwibuka ababa muri Amerika nka Evelyne NTUNZWENIMANA na Alphonse NIYONZIMA, Danieyeli NDAYISHIMIYE atuye muri Tanzaniya, Anselme YARAGWIRA aba mu Bgongereza, Jean Bosco BARAKAMFITIYE wi Gitega na NDUWIMANA Alexis batazira Musumari wi Bujumbura mu Burundi. Inyuma yabo hariho abandi bahanuzi benshi bagiye baravuga ku Burundi nk’umukenyezi MUREBGAYIRE Marie Esther, GAKWAYA Jean Damascene, Abel BUHUNGU n’abandi benshi bari hirya no hino abantu benshi bumva ku mihora ngurukanabumenyi. Tubibutse yuko n’abanyamahanga b’abazungu bavugishijwe ku gihugu c’Uburundi.
Umuvugishwa BEBA Guidiyoni ivyo yahanuye vyose vyagiye biraba mu gihugu cacu c’Uburundi uko yagiye arabitondeka kimwe ku kindi gushika ubu. Ivyo vyatumye n’uyu munsi abantu bose babona yuko yari umuvugishwa w’ukuri w’umurundi wenyene amaze kubaho. Uyu muvugishwa n’Imana yaratashe mu Burundi kandi abandi bakozi b’Imana ntibamwakiriye nk’umukozi w’Imana kuko bari bumvise imburi atanga. Ari mu gihu c’Uburundi ku gatumba iwabo mu ntara ya Makamba, yahavuye afatwa n’ingwara bamutwara ku bitaro bikuru i Makamba, biranka bamufatana urugendo ngo bamutware kumuvuriza mu bitaro bikuru i Bujumbura. Bageze mu nzira, Imana imubarira iti babgire bagusubize inyuma kuko utazokira utegerezwa gutaha kuko igihe cawe kirageze.
Kuko bari bazi yuko ari umuhanuzi adasanzwe, baciye bamwumvira bamusubiza ruguru iwabo iyo yarasanzwe aba kw’itongo. Amaze gushikayo, Imana yamubariye ngo babgire ibigira bishike. Ico gihe mu 1992, amatora y’umukuru w’igihugu ntiyari bgabe. Iwe hama abantu benshi harimwo intwazangabo z’igisirikare ca kera bava za Bujumbura, Bururi, Rumonge, na ruguru baza iwe gusiguza. Yababgiye yuko hagiye kuba amatora kandi yuko umukuru w’igihugu azotorwa bo nyene bazoca bamwica. Ati:”ni mwamwica namwe nyene muzohona”. Imana iyo ivuze ikintu kirasohora. Niko vyagenze yaratowe baca baramwica. Intambara yabaye inyuma y’urupfu rw’umukuru w’igihugu Ndadaye Melchior yamaze imyaka irenga icumi mubo yahitanye n’abasirikare ba leta yico gihe barimwo.
WWW.ABISEZERANO.COM IHANGARYIMANA@GMAIL.COM TEL: +1 914-448-3650 IHANGA RYERA RY’IMANA
Ehe ubuhanuzi 20 bga BEBA Gedeon bgo mu mwaka 1992:
- Beba Gudiyoni ari I GATUMBA mu gihugu ca Tanzaniya iyo yari yarahungiye, yasavye Imana yuko yotaha agasubira mu gihugu ciwe c’amavukiro c’Uburundi. Uhoraho Imana yarabimwemereye mugabo ica iramubgira yuko atazobaho. [Twababgiye uku vyagenze agapfira iwe muhira]
- Imanayamubariyeyukomugihuguc’Uburundihazobaamatorahanyuma hatsinde umukuru w’igihugu bace bamwica. [Mu 1993 Ndadaye Melchior yaratowe, amaze amezi atatu gusa abasirikare ba leta baramugandaguye kuwa 21 mukwi 10 mu 1993]
- Hanyuma n’uwuzomukurikira nawe nyene bazomwica. [Ntaryamira Cyprien bamugandaguriye nawe nyene i kanombe, Kigali mu Rwanda mu kwa 4 mu 1994 amaze amezi abiri gusa ari umukuru w’igihugu.]
- Uwuzokurikira ubugira gatatu nawe bazomwirukako. [Ntibantunga Sylvestre aracariho mugabo bamwirukanye ku butegetsi babaje kumutera amazirantoke i Bugendana mu 1996 haciye imyaka 2 yaciye ahungira mu buserukizi bga Amanyamerika]
- Hanyuma yivyo Imana izohagurutsa imisore n’inkumi bahabge inkomezi nyishi bafise ibigwanisho babe mu mashamba barya inka n’impene zanyu. Bazorwana cane ariko Imana ntizokunda yuko bafata igihugu bakoresheje umuheto kugira ngo ntibahave bakuraho intumbero y’Imana. [ Naho FNL yarisanzwe ihari, aho umukuru w’igihugu Melchior Ndandaye yiciwe imisore n’inkumi yaciye ifata ibigwanisho yitwa Force de la Defense du Peuple (FDP), hanyuma yitwa Force pour la Defense de la Demicratie (FDD) yahavuye yitwa CNDD-FDD izwi uyu munsi, yaje ku butegetsi yaciye mu mishikirano.]
- Umwe muri abo bagwananya leta azotwara gihugu imyaka itari mike, yanke n’impanuro z’imiryango mpuzamahanga kandi nawe nyene azopfa mu buro budasobanutse. [Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yatwaye imyaka hafi icumi n’itanu, ataraheza manda yiwe igira gatatu kuwa 8 z’ukwezi kwa 6 mu 2020, leta yatangaje yuko yishwe n’umutima wahagaze. Abantu benshi vyarabananiye ku vyemera gushika ubu ku myaka 55 gusa y’amavuka yaramaze. Umuvugabutumwa akaba n’umuhanuzi yitwa Alphonse Niyonzima arazwi cane kubera mu mwaka wa 2014 yarahanuye ku rupfu rwa Perezida Petero Nkruziza, avuga ijambo azovuga imbere yuko apfa, aho azogwa, aho azohambga n’imodoka zizorerura ikiziga ciwe uko zizoba zimeze. Kandi vyose vyagenze uko yabihanuye.]
WWW.ABISEZERANO.COM IHANGARYIMANA@GMAIL.COM TEL: +1 914-448-3650IHANGA RYERA RY’IMANA
- Uwo azokurikirwa n’uwundi mukuru w’igihugu w’umusirikare azotwara umwanya nk’uwo urume rumara kuko atazoheza ikiringo ciwe. Uwo azotwaza igitugu amanyama, mu gihugu habe amapfa n’ubukene bginshi kandi azokwikurirwaho n’abo mu mugwi wiwe.
- Hanyumayahohazobaimpunzinyinshizibureahozicakandiahozizobaziri hose zizoca zihebura mbere zice bugufi imbere y’Imana kuko zizoba zatakaje icizere co gusubira kugaruka mu gihugu.
- Hanyuma Imana izoca ihagurutsa umugwi uvuye inyuma y’igihugu witwa “RUBURAKIGONGWE”. Uwo mugwi wa RUBURAKIGONGWE uzokwinjirira mu mice itatu y’Uburundi harimwo n’uwo i Muyinga uzoba ukaze cane kandi bazotera igisagara ibisasu ku gisagaa ca Bujumbura gisigare kimeze nk’ikibuga gushika naho ico igisagara kizubakwa bushasha. [Umugwi RUBURAKIGONGWE nturaza si iyo migui y’abitwaje ibigwanisho twomva batera igihugu bakaza kwica ibanyagihugu muza Ruhagarika mu ntara ya CIBITOKE canke muri Zina mu ntara ya Bubanza. Uhoraho Imana yeretse abavugishwa benshi yuko izo ngabo ziza ziri mu gihugu c’Uburundi mu ntara zose, ama Komine yose n’imitumba yose yuko zirindiriye ifirimbi y’Imana gusa.]
10.Ico gihe abasirikare b’Uburundi bazonanirwa gushika naho bambara ibikwembe n’impuzu z’abagore bicare hasi bamanike amaboko, bakome amashi kugira ngo barabe yuko bokira, kubgiyo ntambara.
11.Umuntu azoba ariko ikimenyetso co gupfa ntazokira naho azoba yarahungiye mu mahanga azokurwayo kugira ngo aze gushitsa ico isezerano ryavuze kandi n’abari mu mahanga bazogwayo.
12.Kubera yuko abantu bazoba barapfuye ari benshi, abazomufasha gutwara azobaronderera no hanze y’igihugu.
13.Ico gihe nta ndyane z’amoko n’amatongo zizoba zikiriho kandi umuntu wese azogerera aho agomba hose mu gihugu.
14.Amaraso azoseseka mu Burundi azoba menshi azoduga ashike ku jisho ry’ikirenge. Muri ico gihe n’ibihugu bibanyi vy’uburundi ntibizoba bitekanye kuko hazokwaduka intambara hagati ya Congo n’Urwanda n’ibindi bihugu biyivangemwo.
15.Imana izogwisha imvura iminsi itatu ikubure ayo maraso mu gihugu cose. 16.Umuhirwe ni uwuzohunguka ba Ruburakigongwe bararenganye. 17.Hanyuma yivyo Imana izoca izana uwo yamaze gutora ngo arongore
igihugu c’Uburundi imukuye mu mahanga iyo yamunyegeje.
18.Ico gihe abarundi b’impunzi bazoba baragiye mu bindi bihugu batwawe
n’inkukuma canke indege, bazoca bahunguka bagaruwe n’inkukuma nyene.
WWW.ABISEZERANO.COM IHANGARYIMANA@GMAIL.COM TEL: +1 914-448-3650IHANGA RYERA RY’IMANA
19.Impunzi ya nyuma y’Umurundi ishitse mu gihugu c’Uburundi, impunzi ya mbere y’umutanzaniya nayo izoca ishika mu Burundi.
20.Ico gihe igihugu c’Uburundi kizoca cubakwa neza ku buryo butangaje kandi abarundi nibo bazotwara umuvyuro n’ikanguro kw’isi yose imbere yuko Yesu Kristo agaruka kw’isi.
Iyo Imana ivuze, ivyo iba yavuze vyose birashika. Igice c’intambara ca mbere cararenganye. Hasigaye igice ca kabiri ari naco canyuma kivuga yuko intambara izomara umwanya muto cane mugabo yuko izokwonona vyinshi, ihonya abanyakibi aho bari hose. Imana yahishuriye umuvugishwa yagendanye na BEBA Guidiyoni yuko igice ca kabiri ciyo ntambara kigiye gushika ku Burundi vuba kuko ingabo zarungitswe n’ijuru zamaze gushika mu gihugu. Agira ati izo ngabo zigizwe n’abahungi n’abakobga bambaye imyambaro y’akataraboneka kandi bafise n’ibirwanishwa bikomeye biteguriye gutikiza abanyakibi mu Burundi ngo uzoba ari nk’umunsi mukuru wo kwimika isirayeli igira kabiri. Araheza agahamagarira abarundi bose kwihana nkuko abo I Niniwe babigenjeje.
Mu gihugu cacu co kimwe no mu mahanga Imana ishishikara itanga inzozi n’inyereko ku bantu benshi kandi abarari bake baguma basemerera ku mihora itandukanye bavuga ibigiye gushika ku gihugu no mu mahanga. Umuntu w’ubgenge yo vyumviriza maze nti yihute kubisuzugura ariko nyabuna akiyeza kandi agatunganya ingeso ziwe kuko ntaco aba ahomvye atari inyungu y’umurengera.
Mugenzi ubonye izi mburi 20 za BEBA GIDIYONI, umenye yuko ari ivyavyzwe. Ijambo ryasizwe na BEBA Gidiyoni rigukomerekeje wigumye ntute ururimi. Abafise ibanga bararigendera. Ufise ico ubaza canke ugomba kwunganira ni utwandikire canke utwakure. Ugomba gutunganya ubugingo bgawe naho ntupfa uwo uhaye umutima wawe kuko mu madini n’amashengero hariho imfyisi nyinshi zigize intama. Ahubgo ni witure Ihanga Ryera ry’Imana rikurongore ku mukozi w’Imana w’ukuri. Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo abahezagire kandi abazigamire mu buntu bgiwe butangaje. Amen!
Umwani n’Umukiza Yesu Kristo tumwamamaze!
WWW.ABISEZERANO.COM IHANGARYIMANA@GMAIL.COM TEL: +1 914-448-3650