Umushikiranganji Martin Niteretse ati : “Hariho imirwi y’abasenzi yadutse ishobora kuba ikorana n’imihari y’iterabwoba”

Mu kiganiro yatunganije hagati y’abarongoye amashengero n’amadini kuri uyu wa kane igenekerezo rya 22 kigarama 2022, umushikiranganji Martin Niteretse ajejwe intwaro yo hagati, iterambere rusangi n’umutekano yamenyesheje ko afise amakenga ku mirwi y’abasenzi yadutse ishobora kuba ikorana n’imirwi y’iterabwoba.

Martin Niteretse amenyesha ko bene iyo mirwi usanga irara irafata ingendo zo mw’ijoro kuburyo bashobora kuva i Bujumbura mu masaha yo mu mugoroba bugaca bageze mu ntara zo hagati mu gihugu. 

Umushikiranganji Niteretse akaba yamenyesheje ko yamaze kubimenyesha ba buramatari ko vuba bazotangura kwugara amashengero mwene ayo aba afise ivyumba vy’amasengesho bikora uko, akaba mbere yagiriyeko atera akamo abo barongoye amashengero n’amadini kubandanya berekana ibitagenda neza mu mashengero kuko ngo ari vyo bituma bibacafuza.

Ikindi yasavye ba buramatari, nuko bohagurukira abantu bagenda kurara ku misozi gusengerayo bakagumayo ngo barindiriye Kristo aze kubajana. Ku bwiwe ngo bakwiye kubahimiriza gukora ibikorwa vy’iterambere hama kristo akazoza abasanga bari ku kivi.

Ikindi kibazo ngo n’amakuru amaze imisi avugwa y’amashengero yakira abavugabutumwa bavuye mu gihugu c’urwanda n’ahandi hama bagaca batanguza gutoza amadorare mu banyeshengero, baheza bagaca bigira. Umushikiranganji Martin Niteretse yabwiye abarongoye amashengero ko uwuzofatwa ariko arasahura abenegihugu, ubutunzi aca abujana mu banyamahanga ko ishengero ryiwe rizoca rifutwa. Akaba yaciye asaba ko bobandanya batanga amakuru ku mutekano w’igihugu.

Martin Niteretse ntiyibagiye gutera ivyatsi ingendo mbi y’amashengero amwe amwe asigaye akora urudandazwa rw’amazi abanje guhenda abayoboke bayo ko ari “amazi ahezagiye’. Ku bwiwe ngo nimba bashaka ko babatoza amakori, baragenda babimenyeshe mu bushikiranganji bujejwe ubudandaji ko basigaye badandaza ariko ngo bareka guhenda abantu ngo babahaye amazi ahezagiye. Ikindi ngo nico kimwe n’ababesha abo barongoye ko batanga amavuta ahezagiye, amwe bita “amavuta ya Elayo”.

Martin Niteretse ntiyibagiye no gutera ivyatsi ingendo mbi y’abarundi bamwe bamwe bamaze imisi bavuga mu bimenyeshamakuru bahimiriza abantu gusenga “Kiranga”. Ku bwa Niteretsem, ngo igihugu cafashe ingingo yo gushira Imana imbere nticari gikwiye kuba kikirimwo abantu bacambaza Kiranga, akabasaba kubihagarika.

Nta mashengero mashasha aremererwa kuva mu 2020

Ikindi kibazo catwaye umwanya munini, ni ikibazo c’abantu badabadanganya amashengero barimwo, hama bagaca bashinga ivyumba vy’amasengesho, abandi nabo bagaca baja gusaba impusha zo gutanguza amashengero mashasha. Umushikiranganji Niteretse akaba yamenyesheje ko kuva mu mwaka wa 2020 ata shengero na rimwe rirasubira kwemererwa gukorera ku mugaragaro kuko ngo Reta yasanze ikwiye kubanza gushira ku murongo ayasanzwe ahari.

Akaba yaciye amenyesha ko ahantu hose hoba hari amashengero atemewe n’amategeko ko vuba bazogira isekeza ryo kuyugura. Akaba yaciye yibutsa ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura kwugara amashengero yose adakurikiza amategeko ari muri zone Kanyosha.

Abarongoye amashengero hariho ivyo basaba umushikiranganji

Nk’uko vyagiye birashikirizwa na bamwe mu barongoye amshengero bari bitavye iyo nama, ngo haheze imisi hibonekeza abajejwe intwaro bafata ingingo yo kwugara amashenegro biba vyagaragaye ko adakurikiza amategeko, ariko bakabikora batabanje kubimenyesha abo vyega.

Umushikiranganji Martin Niteretse, yabasavye ko igihe cose hoba ingorane hagati muri bo, bogerageza ingorane bakazitorera umuti hagati yabo batarinze guhamagara inzego za Reta kuko ngo bibananiye hakaba akajagari, abajejwe intwaro n’umutekano  batazorindira ko babatumako bazoca bafata ingingo zose zibereye ku bw’ineza y’igihugu.

Ariko akaba yaciye asaba abajejwe intwaro ko ata numwe akwiye kwivanga mu vy’amashengero mugihe indongozi z’amashengero zitamutumyeko.

Ikindi ni ikibazo c’imanza zaciwe na Sentare ariko zitaraja mu ngiro. Umushikiranganji Niteretse akaba yamenyesheje ko izo manza zose bazimuzanira akazishira mu ngiro kuko ngo urubanza ruciwe na sentare ruba rubaye itegeko.