Ibigiye gushika muri uyu mwaka wa 2023: Umwami Yesu Kristo abazigame cane.

“UBUHANUZI BGO MURI 2023”
Umwami n’umukiza wacu Yesu Kristo n’ashimwe. Bakunzi b’Umusaraba, tugira tubashikirize ubuhanuzi bumaze ibinjana bitanu bgerekeye umwaka wi 2023. Abantu benshi barakunda kwihenda mu kuvuga yuko ubuhanuzi umenya yuko buva ku Mana aruko bushitse. Sivyo kuko n’abantu badakoreshwa n’Imana barakoresha ubgenge bgabo bagahanura ibintu bigashika.
Mbere uretse abanyabgenge, abanyamareba, abapfumu n’izindi ntumwa za satani nabo nyene barashobora guhanura bigasohora. Ibihanurwa bikaguma mu majambo gusa n’ivyo abantu bigenera kubera ivyipfuzo n’amarangamutima yabo. Uwuvuga ubuhanuzi buva k’Uhoraho buza buhuye n’ijambo ry’Imana kandi burasohozwa. [Gusubira muvyagezwe 18:15-22]
Mu kinjana ca 16, Umunyabgenge w’inyeyeri NOSTRADAMUS yareretswe ivyerekeye ubgicanyi bgabaye muri amerika kwigenekerezo rya 11/09/2021kandi vyagenze gutyo nyene. Yareretswe kandi n’ivyerekeye umugera wa Corona (Covid-19)avuga yuko uzoshegesha umubumbe w’isi mu mwaka wi 2020 kandi navyo vyagenze uko nyene. Uwo mugabo w’umufaransa nyene niwe yanditse ubu buhanuzi 10 avuga yuko buzoshitswa mu mwaka wi 2023.
“Ubuhanuzi bgo muri 2023” ni igitabo canditswe mu mwaka 1655 n’uwo mu nyabgenge w’umufaransa yitwa NOSTRADAMUS. Yanditse ibintu 10 bikurikira:

  1. Hazoba intambara kw’isi yose izoba yatewe na Anti-Kristo azokwerekanwa kandi izosesa amaraso y’abantu benshi.
  2. Hazoba intambara mu gihugu ca Amerika, abanyamerika bazosubiranamwo bicane hagati yabo, na bamwe muribo bipfuze guhungira mu bihugu vya afrika.
    Abihweza ibintu n’ibindi bakaba bakurikirana agashavu k’abashigikiye uwahoze ari umukuru w’igihugu D. TRUMP, baribaza yuko intambara izohava yaduka hagati y’aba-Democrates n’aba Republicains.
  3. Hariho ubgami bgo mukarere ka Aziya buzosambuka n’ubutunzi bgaho bube iyondoyondo abenegihugu baho bagire ukwicuza guhambaye. Ubgo bgami bushobora kuba ari Ubushinwa canke Uburusiya, bishoboka n’uko vyoba ivyo bihugu vyompi.
    Abagendereza ibintu n’ibindi, baravye intambara Umukuru w’igihugu c’uburusiya yateje muri Ukraine agaca akoranirwa n’ibihugu vyose vya Bulaya na Amerika muri uyu mwaka wa 2022 kw’igenekerezo rya rya 24 z’ukwa 2, bongerako bakabona ingene igihugu c’Ubushinwa kigomba naco gutera izinga rya Tayiwani, baribaza yuko iyo yoba ariyo nzira ivyo bihugu vy’uburusiya n’ubushinwa bishobora gusambukiramwo; canke kimwe murivyo.
  4. Abantu batuye mu bihugu vya Bulaya bazohona, kubera intambara ruhonyanganda mbere n’ikiza kizotera ku buryo bazobura n’ico bazogaburira abazocika kw’icumu.
    Abasesangura ibiba hirya no hino kw’isi, baribaza yuko intambara yatangujwe mu gihugu ca Ukraine gisanzwe kiri i Bulaya ariyo ishobora gusutama maze n’ubgicanyi bukiyongera. Benshi baribaza yuko n’igihugu c’Uburusiya gishobora gutera igisasu ruhonyanganda mu bihugu vya Bulaya abantu bakarimbuka.
  5. Umukuru w’igihugu c’uburusiya azopfa yishwe canke azize ingwara idasobanutse kandi ico gihugu kizoca cinjira mu mahano y’indyane n’ubukene biteye ubgoba ku bantu bose baba muri ico gihugu.
    Kubera binugwanugwa yuko Umukuru w’igihugu c’Uburusiya Vladimir Poutine afise ingwara ya Kanseri, abantu benshi baribaza yuko iyo yoba ariyo nzira ubgo buhanuzi bugiye gushikamwo. Baribaza kandi yuko ashobora no kwicwa kubera imvo nyinshi ziturutse ku ntambara yateje mu bihugu bibanyi.
  6. Ubutunzi buri kw’isi buzohungabana, ikiza c’inzara ciyongere ku buryo abibaza yuko batunze ubutunzi bgabo buzoyonga barorera kuko ataco bazoshobora gukiza.
    Ibiharuro vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU birerekana yuko kubera intambara n’ihinduka ry’ibihe ikiza c’inzara kw’isi catanguye kandi kiziyongera mu mwaka wi 2023.
  7. Impunzi zizoba nyinshi kw’isi n’ubgicanyi butewe n’abihevyi bgiyongere kandi cane cane igihugu ca Amerika nico kizoba akabarore.
  8. Hazoba imyuzure hirya no hino kw’isi ku rugero rudasanzwe, inzuzi n’ibihomoka bizohitana abantu benshi hirya no hino ku mubumbe w’isi.
  9. Kiliziya Katoloka izoronswa umwungere mushasha. Uyo nawe azoza adasanzwe kuko mu myaka itanu azomara ku butegetsi bga kiliziya, azohindura ibintu gushika naho abantu bose bazumirwa.
    Abiga utuntu n’utundi ku vyerekeye Kiliziya Katolika barabona yuko ivyo vyamaze gufata umurindi munini bafatiye kuvyizerwa vyinshi vya gipagani vyamaze gusukwa muri kiliziya, bakihweza ingene ubugambanyi n’ubusambanyi bg’ishano bumaze kwimonogoza mubavuga yuko bihebeye Imana. Bafatiye no ku ngene uburongozi bga Katolika bufata abarongorana basangiye igitsina uyu munsi, bagira bati mu minsi iza bigiye kwunyuka.
    1.Ubgongereza buzoronswa umwami mushasha. Azoba ar’umwizigirwa, akunda abantu kandi ari umurwaneza.
    Kubera yuko umwamikazi w’Ubgongereza yapfuye mur’uyu mwaka wi 2022 kwigenekerezo rya 8 ukwezi kwi 9, abantu bose barabona yuko ubgo buhanuzi bugiye kwuzura uyu mwaka utangura.
    Kur’ubgo buhanuzi 10 bgashikirijwe n’umunyabgenge w’inyenyeri mu myaka ya 1655, tubamenyeshe ubuhanuzi ku gihugu co mukarere k’ibiyaga binini. Abavugishwa n’Imana urwenda n’indwi, bagizwe n’Abarundi hamwe n’abanyamahanga bavugishijwe ibi bikurikira ku mwaka wi 2023:
    Hari ibihugu vyo mu karere zizohindura imirisho, hazoba ibihe bidasanzwe vy’intambara kandi akarere kose kazohungabana. Igihugu kimwe mur’ivyo kizoshitswako umugambi w’Imana. Kizoronka intwaro iri hejuru y’imigambge, amoko n’amadini kandi kizorongorwa n’Umukuru w’igihugu w’umwenegihugu waco aje aturuka hanze y’iguhugu. Igihugu kizoca kironka impore, ubutunzi n’iterambere bitari bgaboneke kw’isi.
    Abantu benshi bagumye bibaza yuko ari igihugu ca Kongo, abandi bati n’igihugu c’Urwanda mbere hakaba n’abavuga Uganda na Tanzaniya; ariko abasenga batari bake baremeza neza yuko ico gihugu ari Uburundi.
    Bakunzi b’umusaraba wa Yesu Kristo, namwe mwese mwakurikiranye ubu buhanuzi bgo mu mwaka tugire twinjiremwo wi 2023, tububashikiriza kugira ngo mushobore kugenzura ibimenyetso vy’ibihe kandi muvyitegurire.
    Uwukugabishije ngo ubike agafu ko mu mapfa maze ayo mapfa ntashike ntaba yagize nabi kuko ntaco uhomba uretse ivyo wunguka. Aha rero, reka turangize tubipfuriza ukwezwa no gutungana gose kugira ngo bibahe kwegera cane Uhoraho Imana y’Ihanga Ryera. Nta bundi bihungiro atari muri Yesu Kristo. Mugire umwaka mwiza mushasha wi 2023.
    Umwami Yesu Kristo Yamamare hose, Amen!