NINZIZA Elysé (Karenzo) yataramuwe mw’ishengero kubera uguhemukira Imana n’abantu.

ITANGAZO RY’ISHENGERO RYA YESU KRISTO- IHANGA RYERA RY’IMANA RITARAMURA MU MABANGA UWAHEMUKIYE IMANA N’ABANTU
KARENZO Elyse yari yataziriwe NINZIZA Elyse igihe yahabga amabanga yo kuba umwungere mw’Ihanga Ryera ry’Imana, yataye ivyizerwa vy’Abera akoreshwa n’impwemu zihumanye aca ata mukaga abizera ari navyo vyamuviriyemwo gutaramurwa mw’Ihanga Ryera ry’Imana.
Ihanga Ryera ry’Imana rigendera kw’Ijambo ryahumetswe n’Uhoraho Imana y’Abera kandi rikarongorwa na Mpwemu Yera ibihe vyose ridaciye iruhande. Uwukoze icaha arahanurwa agatumwako intumwa, agahabga n’umwanya wo kwihanura gushika aho we nyene ahitamwo. N’uko nyene vyagenze no kuri KARENZO Elyse we yahisemwo kwibera intumwa ya Satani.
“Abakoraivyahaubahaniremumasoyabose,kugirangoabandinabobatinye.”
1 Timoteyo 5:20
Uyo KARENZO Elyse yakorera mu ntara ya Gitega, ataramuwe mw’Ihanga Ryera ry’Imana yarahanuwe kenshi, aragishwa inama kenshi araheza arenga ku mabgirizwa y’Imana n’ayishengero.
I. IBIREGWA KARENZO ELYSÉ.
1.Gukura abanyeshure mu mashure akabahebesha kwiga abesha ko Ihanga Ryera ry’Imana ritemerera abantu ko biga bagaheza amashure mugihe n’abataye amashure ku mvo zitandukanye Ihanga Ryera ry’Imana ahubgo ribasubiza kwiga mbere rikanabafasha. Nawe nyene yafashijwe mu bandi vyaramwinaniriye.
2.Gukuza abantu ku buzi ngo uwinjiye mw’Ihanga Ryera ry’Imana wese ntasubira kubandanya imirimo yariko. Ico n’icaha c’ubuhemu yakoreye abantu benshi kidashobora kwihanganirwa kuko Ihanga Ryera ry’Imana ribandanira ahubgo kuronderera akazi n’abatagafise.
Uturorero
a) Yatesheje abadandaza kubandanya imirimo yabo ya minsi yose ababesha ngo kudandaza ni ibikorwa vy’abadayimoni. Abenshi yarababujije kudandaza amavuta, ivyuma vy’imodoka, ibinyobga bitaboreza n’ibindi ataco bitwara ku bizera.
b) Yabujije aborozi kworora ibitungwa bisanzwe bitunze ingo n’imiryango atako abategeka kubigurisha bagasigara bipfumbereje.
c) Yatesheje abantu kurima no gufungura ibiterwa nsanganya mubiri harimwo imboga zisanzwe zitunze Abarundi bose muri rusangi.

Inyigisho nk’izo zibinyoma ntizibuze ingo zasambuye n’abubakanye bakahukana. Ubukene bgatewe n’iyo nkozi y’ikibi yabujije abantu kwiyungunganya. Hariho n’abandi benshi imitima yabo yakomeretse kubera yabikorana igitsure c’umwungere w’intama abesha yuko ari amategeko y’Ihanga Ryera ry’Imana.
II. UBUNDI BUBESHI KARENZO ELYSE YAGIRIZWA.
1.Yabesha Abizera bose, abo bakorana umurimo w’Imana yuko ataco igicaniro
gifashwa na kimwe n’uburongozi bukuru kugira ngo arye ibinure vy’intama.

  • Yagenda aravuga yuko batagira aho baba n’ivyo bafungura kandi uburongozi bgarabarihiye uburaro n’ibindi vya nkenerwa aho bagiye kuba hose. Ubgo n’ubuntu budasanzwe yagiriwe kuko n’abandi barongozi ntibafise ayo mahirwe.
  • Uburyo bg’amafaranga bahabga yarayanyonora akabesha abo bari kumwe mu murimo yuko ataco yaronse ukamengo ni umupagani atigeze amenya Uhoraho Imana.
  1. Yasumiwe n’impwemu ihumanye yo kubesha abantu, iyo uburongozi bgarishe amafaranga y’inzu n’ibindi vya nkenerwa akabesha abantu ngo Uhoraho Imana yururutse iratunganya ikibazo ku buryo bg’ibitangaza.
    -Iyo yahawe amafaranga yo kuriha naho ntayatange ngo arihe ideni akabesha abantu ngo Imana yararishe kugirango ayanyuruze. Ivyo bigatera kwama bishuzwa.
    -Abo yakuje mu mashure, abo yatesheje ubuzi nibo yahindukira akabera urusyo kw’izosi kuko nibo bahava bariha amadeni yanse kwishura abesha ngo Imana yarayarishe.
    3.Yaguma iterabgoba kubo arongoye kugira ntihagire ico bamubaza canke ico bamuhanura muvyo yariko arakora vyose, ngo bose inkota y’Uwiteka irabarandura kubera bamubgiye.
    -Ku gicaniro yarubahuka akarwana, agashishagura abo bakorana imirimo y’Imana mu bakenyezi bafise ibibondo n’abandi bakuze basanzwe bakorana imirimo y’Imana. Ivyo ni ibiteye isoni mu ngoro y’Imana no mu kibano ca minsi yose. Ihanga Ryera ry’Imana ntirishobora kwihanganira ubgo bubisha.
    -Yarata imirimo y’Imana akigira ikigirwamana kitabonwa mu kwiyugarana mu nzu iminsi myinshi abesha abantu ngo ariko aravugana n’Imana.
  2. Yaranzwe n’amacakubiri y’amoko n’intara bigatuma yama ariko aracanishamwo abizera Uhoraho Imana.
  3. Yararahiye ararengwa yuko adashobora guharira abo bavukana munda kuri se bamugiriye nabi kandi no mw’ishengero yaranse kuja inama n’abo bakorana imirimo, abamusavye imbabazi ngo bacitanire bugufi abigiza kure. Ivyo bokaba biteye kubiri n’amabgirizwa y’Imana n’ayishengero rya Yesu Kristo- Ihanga Ryera ry’Imana.
    Kubg’izo mvo zose dushize ahabona n’izindi yamenyeshejwe ubgiwe mu rwandiko, Ishengero rya Yesu Kristo – Ihanga Ryera ry’Imana ririrukanye burundu Elyse KARENZO mu bikorwa no mw’Ihanga Ryera ry’imana kandi riboneyeho n’akanya ko gusaba imbabazi umuntu wese umutima wiwe wakomerekejwe n’inyifatozuwomubisha, ibinyomayabeshera Ihanga,ibikorwavyasambuyeingo n’imiryango, abateshejwe amashure n’ubuzi bgabo, bose batubabarire. Baze tubandanye urugendo satani n’abadayimoni biwe ntibaduteshaguze inzira Uhoraho Imana yaduciriye. Ico kivume cijane iyo cagenewe.
    Uwufise ico ashikiriza, ico abaza ashikire umurongozi wo mw ’ishengero rya Yesu Kristo Ihanga Ryera ry’Imana maze aheze aronke umuco ukwiriye.
    Umwami Yesu yamamare!