Umutumiro w’amasengesho yo kwitanga y’iminsi 3 igenekerezo rya 1,2,3-02-2023

UMUTUMIRO W’AMASENGESHO Y’IMINSI ITATU: 1,2,3/02/2023

Mukunzi w’Uhoraho Imana, utaravye idini canke Ishengero winjiriramwo, uratumiriwe mu masengesho adasanzwe y’Abera. N’ayo kwitanga kugira ngo wihane, wezwe, wisabire uburinzi hanyuma wigine intsinzi y’Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo mu gihugu c’Uburundi.
Urufatiro rw’amasengesho:Iyo umugeni yiteguriye umukwe, ariyoga, akisiga, akambara neza maze itara ryiwe akaryuzuza amavuta.
( Ivyahishuriwe Yohana 19:7, Yesaya 41:10, 1Petero 1:16 na 5:1-10)
Abazokoranira hamwe bazohora basoma iyi mirongo baheze bibukanye ivyo Uhoraho yavuganye nabo. N’uwuzoba ari wenyene azobigenza uko nyene.
Iminsi itatu yo kwitanga no gusenga: Ayo masengesho azomara iminsi itatu ku magenekerezo ya 1 (Binyenyeri-Mercredi), 2 (Biguruka-Jeudi) na 3 (Bantu-Vendredi) ukwezi kwa 2/2023; twese tuzohora twiyiriza dufungura mw’ijoro gusa.
Imitwaro yo gusengera: (1)Ukwezwa no gutunganywa gose;
(2)Gusengera ukwongerwa inkomezi, uburinzi kuri twebge n’umuryango wacu;
(3)Ukwigina intsinzi y’Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo yuko aje kwima ingoma mu Burundi mu gushitsa amasezerano.
Ibibanza vyo gusengeramwo: (1) Ku bicaniro ngendanwa,
(2)Mu vyumba vy’amasengesho,
(3)Mu nsengero aho dusanzwe dukoranira,
(4)Ku mpinga z’imisozi miremire y’Amasengesho.

Umwami Yesu Kristo Yamamare hose!