Ikiza n’amapfa mu gihugu cacu n’umuceri wafashwe n’ingwara.

Cibitoke: Amahegitari arenga 210 y’imirima y’umuceri niyo amaze kumenyekana ko yafashwe n’ingwara itaramenyekana neza ahitwa Nyakagunda muri komine Rugombo. Umushikiranganji wa mbere ari kumwe n’umushikiranganji mu vyo ajejwe hari intwaro yo hagati n’abakuru mu gisata c’uburimyi yishikiye aho mu Nyakagunda, kuri uyu wa gatanu.

Abahinga bo mu gisata c’uburimyi mu bushikiranganji bubijejwe hamwe n’abashinwa bariko barakwiragiza uwo muceri ntibahuriza ku cateye iyo ngwara mu muceri. Abo mu gisata c’uburimyi bavuga ko yavuye ku bwoko bw’umuceri mubi. Abo bashinwa nabo bemeza ko habuze ivyunyunyu mw’isi.

Gervais Ndirakobuca yanebaguye inyifato y’abo mu gisata c’uburimyi ko bafashe minenegwe iyo ngwara. Yagiye asavye ko hashirwaho umugwi ujejwe gukurikirana iyo ndwara no kwiga utunenge twagiye turaranga uburimyi bw’uwo muceri.