Reta y’uburundi ntivuga ukuri ku mwimbu uri mu gihugu.

Uza wumva abarongoye igihugu guhera ku mukuru w’igihugu, umukuru w’inama nshingamateka, umushikiranganji w’uburimyi n’ubgorozi bavuga ngo umwimbu n’umusesekara kandi mugihugu inzara ibica bigacika, abenegihugu bari mu bukene n’inzara ntangere.

Umukuru w’igihugu Evariste NDAYISHIMIYE amaze iminsi ariko arigisha abantu yuko igihugu c’Uburundi arico ca mbere mu butunzi kw’isi. Akaba ata muntu numwe abona ivyo afatirako kugira ngo yemeze ivyo bintu bitagira ishingiro.

Abarundi barashonje kandi bari mu bukene ntangere ku buryo buboneka.