Imbogo yihaye inkumbi kuko zaravuye mu ruhongore rwazo

Kigamba: Umuntu umwe yishwe n’ imbogo.

Umugabo umwe yarapfuye kuri uwu wa kane. Vyabereye ku mutumba Mashiga. Ni muri komine Kigamba, intara ya Cankuzo kur’uwu wa kane igenekerezo rya 6 ndamukiza umwaka w’2023.

Amakuru ava aho i Kigamba akanemezwa na Anitha_Nibogora, musitanteri arongoye iyo komine, avuga ko abanyagihugu bariko barakurikirana imbogo yasohotse iva mu ruhongore kama rwa Ruvubu.

Iyo mbogo na yo nyene yahavuye yicwa n’ abo banyagihugu ariko yari yarenze urubibe iza iri mu gihugu ca Tanzaniya.

Amakuru yo kwizigira avuga ko bitoroshe kugira abo barundi n’abanyatanzaniya bagabure inyama.

Leta ikwiriye kwitaho ibidukikije na cane cane ibitungwa vyo muri park hatibagiwe kwigisha abantu bose akamaro kavyo.