
Mwaro: Hari umwigeme w’imyaka 17 wo ku musozi Gitaramuka muri komine Bisoro ari mu gasho k’iyo komine, kuva kuri uyu wa gatanu.Yagirizwa kwibaruka umwana aca amuta mu kazu ka surwumwe, kw’isoko yitwa Kuwimpfizi nk’uko bivugwa na musitanteri.
Diomède Ntangamajeri amenyesha ko abajejwe intwaro n’inyamiramabi bakoranye kugira bakure ikiziga c’urwo ruyoya muri ako kazu ka surwumwe. Uwo mwigeme baciye bamujana kwa muganga kugira avurwe, mu nyuma bamwinjiza agasho ku mvo z’amatohoza.
Harakwiri ivugurungwa ry’ihanga ryacu ry’Abarundi, abantu bagasubira kwigishwa Ubuntu kundi gushasha.