
Muhuta: Uwahoze ari musitanteri w’ iyo komine yahagaritswe n’ ubutungane
Domithile Ntunzwenimana, yahagaritswe kuri uwu wa gatandatu na parake ikukira sentare nkuru y’ igihugu ya #Kabezi muri Province Bujumbura . Yahora ari musitanteri wa Commune Muhuta yo muri Province Rumonge .
Domithile Ntunzwenimana yaheruka gukurwa muri ayo mabanga yo kurongora ikomine yagirizwa kwiba ibikoresho vyo kwubaka ishure. Akaba ahejeje gufatanwa amabati 150 yari anyegejwe mu nzu iri inyuma y’ izindi, aho yaguze iparasera yariko arubaka aho bita mu Gakungwe. Ayo makuru aremezwa n’ umuvugizi w’ bonjour mu vyo bujejwe harimwo intwaro yo hagati mu gihugu.
Akamenyeshako amatohoza aca abandanya kugira ngo ubutungane bukore.
Ni vyiza yuko uwukoze ikosa ahanwa mugabo ivyo bikwiriye kuba kuri bose. Bamwe ntibokwiba igihugu bakaronswa ukuguma mu bikorwa n’ukwidegemvya mu gihe abandi baguye muri nya makosa nyenye barukhukira mu munyororo. Ivyo bikwega akababaro mu bantu.