Kwubaha, gukunda no gufasha abavyeyi ni umuco wononekaye mu gihugu cacu

Hari umuvyeyi yaraye akomerekejwe n’umuhungu wiwe amujemye agafuni mu mutwe. Mu ntara ya Rumonge

Vyabereye ku mutumba #Rukinga mu gacimbiri ka #Nyakara mu gisagara ca Rumonge, mw’ ijoro ry’ uwu w’ Imana rishira uwa mbere. umugabo ya. MBONIHANKUYE Hassani ngo yari yaborewe, ngo bikaba vyaturutse ku matati ya be n’umukenyezi wiwe. Amakuru ava aho kuri uwo mutumba akavuga ko yamusanze mu gitanda aho yaramiye atangura kumusaba amahera. Umugore nawe agasigurako ata mahera yari afise narirya aheruka kuva mu bitaro kwibaruka. Umugabo yaciye afata inzira aragenda.
Mw’ ijoro ryo kur’uwu w’Imana nk’ igihe c’isaha zine z’ ijoro ngo ni ho yagaruka yanyoye yaborewe ashika akubitira umugore mu kiriri.
Umugore amaze gutabaza inabukwe, ni ho na we yashika abanguranya aca atemwa agafuni mu mutwe n’umuhungu wiwe.

Chef de Zone Rumonge Rajabu Amissi aremeza ayo makuru agatera akamo abantu ko boreka kunywa ubiyayuramutwe.

Uwakomeretse ariko avurirwa mu bitaro bimwe vyo mu Rumonge,uwakoze ico caha nawe akaba ari mu minwe y’inyamiramabi.