Umuvyeyi yaturiye umwana wiwe ku 2000Fbu.

Kayanza: Kubera amafaranga 2000 y’amarundi yaraturiye umwana wiwe

Ni umugabo w’imyaka 38 wo ku mutumba #Mwendo muri komine n’intara ya Kayanza yaturiye umwana wiwe w’umwigeme w’imyaka 11 kuwa 04 ndamukiza uno mwaka amuhora ngo yamwivye amafaranga 2000.

Ayo makuru atangwa n’ababanyi akemezwa n’igiporisi hamwe n’abajejwe intwaro aho mu Kayanza avuga kuva kw’iryo genekerezo uwo mwana atigeze avuzwa gushika kw’igenekerezo rya 7 uku kwezi nyene aho abarongoye uwo mutumba babimenyeye.

Se w’uwo mwigeme akaba yaramaze kuyanyaga akaba ariko araronderwa ngo ashengezwe.

Abarundi dukwiriye gutanura kwigishwa urufatiro rw’ubuntu.