Ibihe bigoye mu ntara ya Cibitoke

Cibitoke: Amahegitari hafi 10 y’amatongo n’imirima yo muri segiteri Rusiga, kw’ibarabara rya 12 rya Cibitoke muri komine Rugombo, niyo bivugwa ko yahitanywe n’igihomoka, kiri ku nkengera y’uruzi Rusizi. Abahegereye bavuga ko vyatanguye mu mwaka w’2012 ariko ko hasubiye gusidagurika kuri uyu w’Imana.

Abahaba bamenyesha ko bariko barahahombera. Bafise ubwoba ko ivyo bihomoka bishobora kuzobahitana mw’ijoro kuko gitera cegera imihana. Basaba ko ikibazo cokurikiranwa hakiri kare.

Uwujejwe ikigo OBPE, kijejwe gukingira ibidukikije, mu ntara ya Cibitoke yikeka ko vyoba biva kw’isi yoroshe cane canke ko hoba hashikira amazi menshi y’imifurege. Fidèle Nzigamiye abona ko icihuta ari ukuhatera ibiti binywa amazi nk’imikaratusi n’ubwatsi. Abona kandi ko n’abahinga bohashika kugira hamenyekane intandaro y’ivyo bihomoka n’icokorwa.

Umunyamabanga ntayegayezwa wa komine Rugombo amenyesha ko bariko baragira icegeranyo c’ibijanye n’ico gihomoka. Firmin Habumuremyi avuga ko bazoca bagishikiriza urwego rujejwe gukinga ibiza n’isibe barabe icokorwa.